Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bimwe mu bitangaza vyaranze umwaka w’i 2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bimwe mu bitangaza vyaranze umwaka w’i 2013

Bimwe mu bitangaza vyaranze umwaka w’i 2013

mardi 3 Kigarama 2013

Nk’uko bigenda no kuyindi myaka, muri uyu mwaka w’2013 urafise ibintu vyawuranze, bimwe ni vyiza ibindi ni bibi, bimwe bimwe muri vyo vyarabitswe amasanamu.

Ibiro ntangazamakuru vyo mu gihugu c’Ubwongereza, Reuters, vyaza birafata amashusho y’ibintu bimwe bimwe vyiza canke bibi vyaranze uyu mwaka, biteye ubwoba, canke biryohera ijosho. Ivyo bintu vyava mu mpande zose z‘ubuzima bw’isi: Poritiki, inkino, imyidagaduro, n’ibindi.

Mu biringo bikomeye, muraza kubona amasanamu ya ca gitero c’abihevyi cabera i Nairobi mu nyubakwa ya Westgate, hamwe n’utuntu n’utundi.

Ehe raba amwe mu masanamu ahambaye yaranze uyu mwaka w’i 2013:

Igenekerezo rya 27 Nzero 2013, Uburundi bwaguye mu manga, aho amikoro y’abanyagihugu yatikira ayogejwe n’umuriro: isoko nkuru ya Bujumbura irasha iratokombera

Muri uyu mwaka niho havuka umuganwa George wo mu Bwongereza, yavutse ku muganwa Prince William n’umutambukanyi wiwe Catherine. Uyo mwana yaravuzwe cane mu b’inyamakuru, amaradiyo, ku mirongo ntangazamakuru, kuva nyina agitwara inda gishika avuke.

Uyu mugabo yari mu birori vyitwa Perang Api, aho ababa mu karere ka Bali muri Indoneziya baba bahimbaza umunsi bita Nyepi Day. Uyo munsi n’uwo kurimbura umwaka uheze no kwiphurizanya uwugiye.

Iki n’igihe abihevyi batera inyubakwa ya Westgate muri Kenya. Amasanamu ateye ubwoba 7’ubwo bwicanyi bwahabereye yagiye arasohoka.

Indege ya Asiana Airlines Boeing 777 yari yagize impanuka ku kibuga ca San Francisco International Airport muri California ,kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2013 yishe abantu babiri

iyi sazi yaguye mu ruhanga rwa Barack Obama ariko avuga ijambo, abafata amasanamu baba bayibonye kera.

Aba bagira baje mw’isengero kurahira ko bagiye kwubakana, ariko vyasa nk’uko bashwanye, umwe wese yari kuri ngendanywa, yandika bwa butumwa bugufi “Sms”. Hari mu gisagara ca Shanghai kiri mu gihugu c’Ubushinwa.

Inyambaro y’abageni muri Pakisitani yatangaje abantu beshi, kuko ntawokwibaza ko bashobora kubona iyo baja.

Ivyago vyashikiye uyu mugabo n’agatanga, inka yamucumise ihembe hanyuma iramuterura.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Birababaje kubona iyi cite IGIHE.bi yiwacu mu Burundi yandika amakuru yibintu vyiza nibindi bibi vyo mubindi bihugu yaranze uy’umwaka wi 2013 ikirengagiza kwandika ivyago vyashikiye Uburundi n’Aburundi italiki 27-01-2013 igihe isoko nkuru ya Bujumbura yasha igatokombera,uy’umumenyesha makuru Cherif Nkeshimana nkamusabako iyinkuru yoyisubiramwo.

  • Uy’umumenyesha makuru Charif Nkeshimana wiyi cite IGIHE.bi ndamushimiye kukamo namwandikiye mugukosora iyi nkuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.