IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bimye amatwi abagabo babahenda bazotera imbere nk’abandi

Bimye amatwi abagabo babahenda bazotera imbere nk’abandi

dimanche 30 Ruheshi 2013

Intambara igihugu c’Uburundi gihitiyemwo, iri mu vyasinzikaje indero y’abana b’abigeme bo mu ntara z’Uburaruko. Abigeme bo mu ntara cane cane za Kayanza, Ngozi , Muyinga na Kirundo, bata amashure bakiri bato bakaja kurongorwa.

Iyo ngeso yarageragejwe gutuzwa muri izo ntara n’abarongoye intwaro n’umutekano ariko ngo vyaranse. Mu ntara ya Muyinga cane cane mu makomine ya Giteranyi na Butihinda bivurwa ko arizo ziza imbere muri ivyo vyogutesha amashure abana b’abigeme. Bateshwa amashure cane cane n’abadandaza, na rirya izo komine ziri ku mbibe n’ibindi bihugu. Abandi nabo bavurwa ko aribo batesha amashure abigeme, ni abasirikare n’abapolisi bo murin izo ntara.

Bivurwa ko hari ababatwaza inda z’ishushu maze ntibaheze ngo baje kwandikwa kugira babane biciye mu mategeko, ingorane zidasanzwe zigaca zibonekeza kuri abo bana baba bagize ingorane z’ukwibaruka batarakura. Abavyeyi bo muri izo ntara basaba inzego zijejwe umutekano n’intwaro ko zohagurukira iyo ngeso isa niyabaye akaranda mu ntara hafi z’Uburundi bwose. Abana b’abigeme bahanurwa n’abatari bake ko bokunda ishure bakima amatwi ababahendesha ibintu ivyo arivyo vyose, kugira baze bashobore gutera imbere n’uguteza imbere imiryango yabo, hako bokwiyaka kazoza kabo keza, bakama batega amashi abatayakira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.