Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Biracashoboka ko Ebola ikwiragira hose kw’isi" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > "Biracashoboka ko Ebola ikwiragira hose kw’isi"

"Biracashoboka ko Ebola ikwiragira hose kw’isi"

lundi 1er Kigarama 2014

Umukuru w’umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe guhangana n’ikiza Ebola avuga ko ikiringo ntarengwa bihaye kugira iyo ndwara ibe yatanguye kuganzwa kitakunze.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari ryifuje ko mirongo indwi kw’ijana vy’abarwaye Ebola boba bariko baravurwa gushika uno munsi, nayo mirongo indwi kw’ijana vy’abo yahitanye bagapfubwa.Tony Banbury yavuze ko naho iyo ntego yashitsweko canke ikarengwa mu bice vyinshi vy’Uburengero bwa Afrika, ntiyashoboye gushikwako mu bice vyose. Tony Banbury yagabishije y’uko bigishoboka cane ko Ebola ikwira hose kw’isi.

Tubamenyeshe ko ikiza Ebola kimaze guhitana abantu hafi ibihumbi indwi nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS. Abahinga mu vyo ubuvuzi baravuga ko igiteye impungenge ari uko ibitigiri vy’abandura Ebola ari vyinshi kuruta abo kimaze guhitana.


Floxella Karire

Messages

  • Ebola Iragatsindwa N"Uhoraho Yibaza Ko Ariki?Ico Kiza .Ariko Rero Bitubere Agakebuzo Yesu Yaravuz Ngo Mubih Vya Nyuma Hazoba Indwara Nyinshi Zivyaduka.Bantu Uwoba Umunyabgeng Yokwiyegurira Uhoraho.Eeeeh Uraba Wumva Birenge Niwewe Ubgigwa .Abarundi Nabo<<ati.Uwubgira Uwukuze Ntahogora>>

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.