Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Boston: Ihigwa rikomeye ry’uwagavye igitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Boston: Ihigwa rikomeye ry’uwagavye igitero

Boston: Ihigwa rikomeye ry’uwagavye igitero

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Igipolisi co muri Amerika kiriko kirahiga uwukekwa kuba yaragavye igitero ca bombe igihe hariko haraba gusiganwa muri marathon i Boston inyuma y’aho uwundi yikekwa yiciwe kimukurikiye mu modoka yari arimwo hanyuma bakarasana.

Inkuru zivuga ko uwuriko araronderwa abatohoza bavuga ko yitwa Chechen Dzhokhar Tsarnaev, afise imyaka 19 akaba yaba muri Amerika hareheze nibura umwaka.
Igipolisi catanguye guhiga abo bantu ku wa kane inyuma y’aho umupolisi yiciwe ku kigo ca kaminuza.

Abantu bikekwa babiri baciye biba imodoka hanyuma batera bombe mu nyuma bararasana n’abapolisi bariko barabahiga. Hari uwundi mupolisi yakomeretse.
Abantu batatu barapfuye abandi 170 barakomereka igihe izo bombe zaturikira iruhande y’umurongo wa nyuma w’iyo marathon.

JPEG - 15.5 ko
Abakekwa kuba aribo bagize igitero i Boston

Abapolisi mu nyuma bahavuye bemeza ko abo bantu babiri bariko barahiga aribo bikekwa kuba baragize ibitero vyo ku wa mbere.
FBI yashize ahabona amafoto menshi y’abo bagabo babiri yariko irahiga mu kurondera abakoze igitero co ku wa mbere.

Abategetsi i Massachusetts Bay bahagaritse uburyo bwose bwo kwiyunguruza kandi nta miduga yemerewe kuja canke kuva mu karere ka Watertown ari naho abo bantu bariko barahigwa.

Abapolisi babwiye abantu kuguma i muhira kandi ko ata kazi kokorwa.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.