Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza : CNDD FDD yagirizwa ko ariyo yivye ibendera rya FRODEBU (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bubanza : CNDD FDD yagirizwa ko ariyo yivye ibendera rya FRODEBU (...)

Bubanza : CNDD FDD yagirizwa ko ariyo yivye ibendera rya FRODEBU Nyakuri

jeudi 14 Myandagaro 2014

Abanywanyi b’umugambwe FRODEBU Nyakuri mu ntara ya Bubanza baridogera umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ko abanywanyi bawo aribo babivye ibendera ryabo, bongera bafuta inzandiko ziri ku ngoro y’umugambwe wabo bakoresheje amase.

Mu gihe umugambwe FRODEBU Nyakuri wari umaze iminsi mu gikorwa co gushira amabendera ku ngoro zawo, mu ntumbero yo gutegura ikoraniro ryo ku rwego rw’intara ku genekerezo ya 30 Myandagaro, aho mbere hazoca hugururwa icese ingoro y’uwo mugambwe mu ntara ya Bubanza, izokwugururwa na muganga Minani Yohani, igihe c’isaha indwi y’ijoro, ibendera ry’uwo mugambwe FRODEBU Nyakuri ryaribwe. Kubwa David Niyoncungu arongoye uwo mugambwe mu ntara ya Bubanza, akongera akaba ari nawe atwara urwaruka rwo muri FRODEBU Nyakuri ku rwego rw’igihugu, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, yamenyesheje ko avyegeka ku mugambwe CNDD-FDD, kuko abanywanyi ba CNDD-FDD bari bigamvye muri komine Musigati ko ibendera rya FRODEBU Nyakuri ritazohamara kabiri.

Muri FRODEBU Nyakuri bakavuga ko uwo mugambwe CNDD-FDD uguma ubuza ukwishira no kwizana kw’iyindi migambwe mbere bakaguma bahonyora urupapuro rw’inzira abanyepolitike biyemeyeje. Ni naco gituma bagiye kwitura ubutungane, bitwarira ababivye ibendera, bagasiga n’amase ku ngoro y’umugambwe FRODEBU Nyakuri. David Niyoncungu abandanya avuga ko bagiye kumenyesha mu giporisi ko babivye ibendera (ico bita déclaration de perte).

Mu mugambwe FRODEBU Nyakuri bavuga ko batazigera bareka umugambnwe CNDD FDD kugira ube ariwo ukora wonyene, mbere bakavuga ko ivyo bitabaca intege, ahubwo mbere bizotuma babandanya urugamba. Mu mugambwe FRODEBU Nyakuri basaba umugambwe CNDD-FDD guhagarika ivyo bikorwa vy’ukutihanganira abo batavuga rumwe, gurtyo bareke n’iyindi migambwe ije ku rubuga.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.