Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buja Summer Fest yarahimbaye abakunzi b’umuziki mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Buja Summer Fest yarahimbaye abakunzi b’umuziki mu Burundi

Buja Summer Fest yarahimbaye abakunzi b’umuziki mu Burundi

lundi 12 Myandagaro 2013

Hari haheze iminsi itari mike ikivugwa mu muziki w’Uburundi ari isabukuru "Buja Summer Fest" yariko irategurwa. Abakunzi b’umuziki i Bujumbura bari bayirindiranye igishika cinshi. Nk’uko yari itegekanijwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11Mukakaro 2013, igiteramo caraye kibaye kandi caryoheye abacitavye, barabishima mbere banasaba ko yoza iraba kenshi.

Igiteramo c’iyo sabukuru y’umuziki catanguye ku muhingamo wo kuri uyu w’Imana ku kibuga ca Effi Nyakabiga. Hatanguye kuririmba abaririmvyi buguruye iyo sabukuru nka Silas Damara, Peter Niyo, Miss Nono n’abandi benshi, abo bose bakoresha uburyo bwa play Back. Uko baririmba, niko abantu babandanya kwinjira.
Mubari bashizwe ku vyapa vy’igiteramo, umurwi wa Peace and Love niwo watanguye guteramisha abakunzi b’umuziki. Uwo murwi ntiwavyoroheje mu ndirimbo zabo zivugijwe mu buryo bwa Live. Bagiye guheza abantu batabishaka kubera ubuhinga bakorana indirimbo zabo, eka n’ingene bavuza umuziki wabo.

Mu nyuma ya Peace and Love hakurikiye umuririmvyi Yoya. Nawe vyaragaragaye ko afise abakunzi benshi. Afashijwe n’abacuraranzi biwe nawe yerekanye ibirori bibereye ijisho. Inyuma ya Yoya, hakurikiye Allioni, umuririmvyi w’umunyarwandakazi. Allioni yarasusurukije abantu cane aho yaririmbaga ururirimbo rwiwe avuga ati : "Uwo narotaga" abandi bati : "Yemwe narotaga"

Imbere yo gutangura kuririmba, Kidumu yatanguye agira ico ashikiriza kuri iyo sabukuru "Buja Summer Fest", aho yamenyesheje ko izoza iraba uko umwaka utashe, aca abonerako n’akaryo ko gusaba abanyamitahe ko boza barashigikira ibikorwa vy’abaririmvyi. Hageze ko aririmba, yatanguriye ku ruririmbo rwiwe "Enjoy", ururirimbo rusanzwe ruriko rurabica bigacika muri iyi minsi.

Umurwi wa Lionny Story niwo wasozereye igiteramo, abantu bakaba bari banse gutaha kubera gukunda indirimbo z’uwo murwi. Ico giteramo cagiye kw’isaha zine n’iminota mirongo itatu z’ijoro.

Tworangiza tubamenyesha ko abaririmvyi bose bari bategekanijwe kuririmba muri iyo sabukuru babonetse uretse umuririmvyi Jaguar wo mu gihugu ca Kenya wari guturuka muri Kenya yasivye ku mvo z’ikibuga c’indege co muri ico gihugu caterewe n’isanganya y’umuriro. Yamenyesheje ko kuronka indege bitamworoheye.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.