IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Amabarabara yahindutse isoko

Bujumbura: Amabarabara yahindutse isoko

mercredi 30 Nzero 2013

Isoko nkuru ya Bujumbura yahora icururizwamwo ibintu vyinshi kandi bitandukanye mbere bimwe murivyo biba ari ivyankenerwa mu buzima bwa minsi yose, inyuma rero y’aho isoko ya Bujumbura ihiriye abadandaji bamwe na bamwe cane cane abakenyezi badandaza ivyamwa n’imboga usanga badandariza iruhande y’amabarabara atandukanye mu gisagara hagati.

Ingaruka ni nyinshi cane kuko ugishika mu gisagara usanga abadandaza ku mabarabara atandukanye kandi impungenge y’ivyo ni uko bishobora no gutera abantu indwara zitandukanye ziterwa n’isuku rike.Kuko nk’abadandaza amafi, indagara, ibiyoba bitetse, ndetse n’imboga ubona ko ata suku bashiramwo iyo bariko baradandaza,mu gihe bisaba ahantu hari isuku.

JPEG - 82.8 ko

Ivyo rero biri uko mu gihe n’abahora basumira mw’isoko nkuru ya Bujumbura bamenyesha ko bapfa kugura ivyo bakeneye n’aho nyene babona ko atasuku bigira ,ngo kuko atakundi bafise bagira baca bagura ivyo bashoboye kuronka aho ku mabarabara.

Ku ruhande rw’abadandaza bavuga ko ivyo bidandazwa vyabo iyo bitevye kugurwa bica bipfa arico gituma baca bageragaza kubidandariza aho babonye hose kugira barabe ko boshobora gutunga imiryango yabo.

Ku ruhande rw’abaza kugura bo bavuga ko bari bamenyereye ko bavuye ku kazi bahitana ivyo bakeneye mw’ isoko .Ubu rero ngo bashoboye kubibona ku mabarabara baca babigura kuko ata kundi bogira


Joel Sengurebe

Messages

  • ndumva reta yabarundi bareke kwikunda bagaragaze gukunda abene gihugu kuko nubundi ntasuku yabaga muririya soko gusa njye mbona uruya muriro waratewe nakajagari kuri muririya soko bakome urusyo ningasire batekereze kusuku kuko birakabije

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.