Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Haribonekeza ubukene bw’isima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Haribonekeza ubukene bw’isima

Bujumbura : Haribonekeza ubukene bw’isima

samedi 6 Nyakanga 2014

Ubukene bw’isima buribonekeza mu gisagara ca Bujumbura, haraheze iminsi itari mike. Ku va mu kwezi kwa Ntwarante, igiciro c’isima caraduze, nk’uko bamwe mu badandaza babivuga.

Uretse kubura, n’iyibonetse irazimvye. Mw’isoko benshi bita kwa Siyoni, umufuko ubonetse w’iyikorerwa mu Burundi igurwa amafaranga hagati y’ibihumbi 28500 canke ibihumbi 29000 mu gihe mu kwezi kwa Ntwarante, iyo sima yagurwa amafaranga ibihumbi 24000 gusa. Ku badandaza batobato bayidandaza ku kiro, igeze ku mafaranga 500 canke 600. Mukamenya ko mu nomu makaritiye yari asanzwe agurishwamwo cane isima nka Buyenzi atayiboneka. Abo badandaza bakavuga ko ukwezi guheze atasima baronka.

Mw’ishirahamwe Buceco bavuga ko ubukene bw’isima buriko buterwa n’ikena ry’umuyagankuba, ariko bakavuga ko igiciro ari amafaranga ibihumbi 25500. Muri iryo shirahamwe bakaba bagabisha uwo wese ariko aradandaza isima ku giciro yishingiye ko ibihano biriho, bitegekanijwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.