Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Ibiciro vy’ibiribwa bibandanya kuduga mu masoko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Ibiciro vy’ibiribwa bibandanya kuduga mu masoko

Bujumbura : Ibiciro vy’ibiribwa bibandanya kuduga mu masoko

mercredi 21 Rusama 2014

Iduga ry’ibiciro mu masoko atandukanye y’igisagara ca Bujumbura ribandanya kwibonekeza, aho yaba umuceri, ibiharage, ibiraya, ibijumbu n’ibindi vyaduze.

Mw’isoko bita City Market kwa Siyoni, ibidandazwa vyaraduze, aho ikiro c’ibiharage vy’umuhondo bita Jaune vyaduzeko amafaranga amajana atanu, nayo umuceri w’umutanzaniya ukaba waduze ko amafaranga agera ku majana abiri, bisigura ko ikiro cavuye ku mafaranga 1800 kija ku mafaranga 2000. Iryo duga ry’ibiciro rero rikaba rije mu gihe abanyagisagara ca Bujumbura bavuga ko ubuzima buzimvye, ndetse bakavuga ko babayeho ku munsi ku munsi, kuko ibintu vyaduze agashahara nako atako kifashe ku bakozi benshi.

Abadandaza bakamenyesha ko, ibiharage bizimvye kuko iki gihe bitaboneka, kuko bitarera, eka mbere bakanavuga ko imvura itaguye neza, yacitse kare umwimbu bakabona ko utazoboneka nko mumwaka w’uburimyi uheze. Abadandaza rero bagasigura ko, ibiharage bigiye ahubwo kuzozimba cane kuruta.


Aristide Nizigire

Messages

  • Na rirya bamwe bikika mu kiza bakaduza ibiciro vy’ibiribwa mu gihe c’ukwezi kwa Ramadhan nakwo kuregereje. Reta ibihagurukire other wise ntakigenda kabisa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.