IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Ikibazo c’umuyagankuba kiraraje ishinga abikorera (...)

Bujumbura : Ikibazo c’umuyagankuba kiraraje ishinga abikorera utwabo

mercredi 29 Nzero 2014

Ingorane zimaze iminsi z’umuyagankuba mu gisagara ca Bujumbura muri quartier zimwe zimwe, zituma abanyagihugu bahahombera ibintu bitari bike, mu gihe usanga
ivyo badandaza bihahombera mu gihe vyabuze umuyagankuba.

Ivyo bikaba ari bimwe mu bivurwa n’abanyagihugu bamwe bamwe bo mu makomine ya Bwiza, Buyenzi na Rohero bavuga ko bamaze iminsi bahomba ibidandazwa vyabo, kubera ingorane y’icika ry’umuyagankuba kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Nzero uyu mwaka.

Nadine Karire adandaza amata muri komine ya Bwiza yayaze n’ikinyamakuru IGIHE, akaba avuga ko ingorane y’umuyagankuba yatumye asesa amata, kuko wasanga yamaze gukariha, canke akononekara ku buryo atamuntu yashobora kuyihereza. Ivyo rero bikaba vyatuma agahombo kaba kenshi mu bantu batandukanye basanzwe bakora uwo mwuga muri iyo komine ya Bwiza.

Abagize agahombo rero bakaba atari abo gusa, kuko n’abasanzwe bakoresha umuyagankuba mu kwunga ivyuma muri komine ya Bwiza na Buyenzi, canke abamwa imishatsi, bavuga ko bahahombeye nabo nyene muri iyi minsi, kuko bamaze iminsi batagira akazi, nabo bakaba bafungura ari ukwo baronse ico bakora. Iyo ngorane ikaba yari imaze iminsi igisibije, ndetse no muri amwe mu mazu ari hagati mu gisagara ca Bujumbura, aho bamwe ibikorwa vyabo bitoroshe, ku buryo iminsi irenga itatu yaheze, zimwe muri izo nyubakwa ziri mu kizime, abazikoreramwo nabo barugaye imiryango.


IGIHE

Messages

  • Ariko ubutetsi buri kuntebe bumaze iki ?
    Kubona uburundi bukiri inyuma yamajambere y’umuyagankuba? Jewe sindavyumva ico ubushikiranganji ico bumaze hano mugihugu? Niba mwananiwe mubisire abandi nabo bagerageze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.