Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Umunsi mukuru w’umuziki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Bujumbura: Umunsi mukuru w’umuziki

Bujumbura: Umunsi mukuru w’umuziki

lundi 24 Ruheshi 2013

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umuziki uhimbazwa igenekerezo rya 21 Ruhenshi uko umwaka utashe wahimbajwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Ruhenshi i Bujumbura mu kibanza ca Jardin Public.

JPEG - 43.6 ko
Umurwi w’Abaragwakaranga

Abakunzi b’umuziki bari basidukanye niyonka ku muhingamo w’uyu munsi w’Imana twaraye turangije. Abakunzi bari bavuye mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura bari bahuriye muri Komine Rohero. Abaririmvyi benshi, ubamaze kumenyekana n’abataramenyekana gose bararonse akaryo ko guca imbere y’igihugu c’abantu baraho. Icibonekeje nuko mwaka, abaririmvye bose bashoboye kuririmba, baririmba ku muziki bariko baracuraranga ubwo nyene( “musique live”).

JPEG - 45.4 ko
Joseph TOROBEKA

Imidiho itandukanye yaravugijwe mu ntumbero yo kwigina uwo munsi mpuza makungu w’umuziki. eka n’umuziki kavukire ntiwibagiwe. Abantu bari bitavye ico giteramo twaganiriye bati: ”sonorisation yari nziza ariko abaririmvyi bazi umuziki cane babashize inyuma mu mpera y’igiteramo amasaha yitereye”. Kukaba nkako abarirmvyi nka Peace& Love, Bobona, Moutcho nabandi bamaze gutera intambwe mu muziki bashikiriwe mu mpera zico giteramo.

JPEG - 54.5 ko
Umurwi wa Peace and Love

Ikigo c’abafaransa c’i Bujumbura catunganije ico giteramo c’uguhimbaza uwo munsi ukuru wahariwe umuziki, giserukiwe n’uwukirongoye yarashimye uko ico giteramo cagenze. Kuri uyo munsi hari hateguwe aburyo bwo kwunguruza ku buntu abantu bitavye ico giteramo. Uyo munsi mukuru ukaba watanguye guhimbazwa mu gihugu c’Ubufaransa mu mwaka w’1981.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.