Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso: Michel Kafando yashikirije ijambo igihugu ko asubiye ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Michel Kafando yashikirije ijambo igihugu ko asubiye ku (...)

Burkina Faso: Michel Kafando yashikirije ijambo igihugu ko asubiye ku butegetsi

mercredi 23 Nyakanga 2015

Umukuru w’igihugu Michel kafando yamenyesheje abanyagihugu ko asubiye gushikira ubutegetsi bw’intwaro mfatakibanza.

Mw’ijambo yashikirije igihugu,Michel Kafando yamenyesheje ko ashimira abanyagihugu kuba bariyamirije itembagazwe ry’ubutegetsi,na cane cane urwaruka rwakoze ibishoboka vyose itembagazwa ry’ubutegetsi rigahagarara.

Michel Kafando umukuru w’igihugu mfatakibanza w’igihugu ca Burkina Faso yavuze ko ashimira kandi amakungu atemeye itembagazwa ry’ubutegetsi.Yashimiye kandi abasirikare b’igihgu,abanyamigambwe,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,amasendika,abamenyeshamakuru,abarongozi b’amadini ku kwitanga berekanye.

Kuva kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,intwaro mfatakibanza izobandanya ibikorwa.

Mwomenya ko ishirahamwe ry’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Uburengero ari ryo ryakoze ritiziganya kugira haboneke ukwumvikana hagati y’abasirikare batembagaje ubutegetsi n’abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.