Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina faso : Umumenyeshamakuru yatowe mu kurongora inama nkuru y’intwaro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina faso : Umumenyeshamakuru yatowe mu kurongora inama nkuru y’intwaro (...)

Burkina faso : Umumenyeshamakuru yatowe mu kurongora inama nkuru y’intwaro mfatakibanza

vendredi 28 Munyonyo 2014

Umumenyeshamakuru wo mu gihugu ca Burkina Faso niwe yagenywe kugira arongore inama nkuru y’intwaro mfatakibanza.

Cheriff Sy umuyobozi w’ikinyaakuru Bendré afise imyaka y’amavuko 54 akaba ariwe yatowe mu nama yari ikoranije abagera kuri 90 bagize urwo rwego. Cheriff Sy akaba yariko ahiganwa n’umwe mu bakuru b’umugambwe aho muri Burkina Faso yitwa Ibrahima Koné. Cheriff Sy muri ayo matora, yaronse amajwi agera kuri 71 hamwe na 14 atamutoye. Iyo nama nkuru y’intwaro mfatakibanza twogereranya n’inama nshingamateka, ikaba igizwe ahanini n’abatavuga rumwe na Reta ya Blaise Compaoré igihe yari ku butegetsi, abo twovuga ndetse ko ari nabo banamwomoye igihe yagira ahindure ibwirizwa nshingiro, kugira abandanye yitoza inyuma y’imyaka 27 ari ku butegetsi.

Muri iyo nama nkuru, 30 bayigize bava mu migambwe y’abarwanya Compaoré, 25 nabo mu mashirahamwe atoho yegamiye mu vya poritike, 25 b’abasirikare na 10 bahora mu nama nshingamateka. Ivyo bikorwa vyo gutora bikaba vyabereye ku birometero bitari bike vy’umurwa mukuru Ouagadougou, mw’ihoteri y’abashingamateka, kuko ingoro y’inama nshingamateka y’i Ouagadougou yaturiwe inyuma y’aho iyo ngoro nyene ariyo yagira iberemwo isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro.

Mukamenya ko ibirori vyo gutora uwo mukuru w’iyo nama nkuru vyari vyitabwe n’icegera c’umukuru w’igihugu lieutenant-colonel Isaac Zida, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo hamwe n’abandi banyacubahiro.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.