Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Fasso : Imyiyerekano yo gushigikira abarundi yabaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Fasso : Imyiyerekano yo gushigikira abarundi yabaye

Burkina Fasso : Imyiyerekano yo gushigikira abarundi yabaye

jeudi 7 Rusama 2015

Abanyagihugu bo muri Burkina Fasso, bazindukiye mu myiyerekano yo gushigikira abarundi, mu kwyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Abo bitavye iyo myiyerekano, bakaba bahuye igihe c’isaha zibiri ku buserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, baca batangura imyiyerekano. Abo banyagihugu, basaba abarundi kubandanya biyamiriza ico kiringo kidahuye n’amategeko, ko bazoshika ku vyo bipfuza. Abo banyagihugu bahurikiye mw’ishirahamwe Balai Citoyen, bakaba aribo bomoye Blaise Compaoré ku butegetsi mu gihugu ca Burkina Fasso ku wa 31 Gitugutu umwaka uheze, igihe nawe yashaka kwigumiza ku butegetsi.

Twobamenyesha ko imyiyerekano mu Burundi ibandanya, abantu nabo bagera kuri 15 baramaze kuhasiga ubuzima, batatu bakaba bitavye Imana, mu gatondo ko kuri uyu wa 7 Rusama, abandi benshi bakomeretse.


Aristide Nizigire

Messages

  • Turabashimiye Cane kukuntu biboneka ko abanyagihugu bo muri Burkina Faso badushigikiye,kandi bumva amarira yacu!Nibakomere tuzobagendera umunsi umwe turiko twiginana intsinzi!mugihe tuzoba twomoye umuperezida agomba kutugira abaja.

  • Burya muburundi iyataba amacakubiri ya tumugaje,iyataba ugutinya gusubira mukahise kabi,abarundi isinzi baba bari mwibarabara biyamiriza iki kiringo ca 3.kandi inyuma y’imisi 2 gusa inyishu yarikuba yabonetse.None rero mercie pour les bourkinabais de nous encourager et de votre soutient innoubliable.Abarundi bizeweko vyinshi nitwe twabaye akarorero keza muri democratie n’ukubana neza muri kano karere,nitwahonyanga ibwirizwa shingiro,tuzoba duhaye inguvu n’ibindi bihugu duhana imbibe.

  • Mungu wetu ni muzima

  • NON PRESIDENT NTIYUMVA KO ISI YOSE IVUMA,IKINDI NACO MURI CNDD FDD NIWE MUSHINGANTAHE WENYENE KUBURYO BADASHOBORA KURONKA UWUNDI MUKANDIDA.NABO NYENE NTIBIYEMERA.NDABASHIMIYE ABA BURKINABAIS

  • Ngobasaba abarundi gukomeza kwiyamiriza icokiringo kidahuye namategeko? Bobabashatse kuvuga amategeko ya Bur Kina Faso kwariyo atubahirijwe mu Burundi!?.

  • EEE!!.NUKIRI.JEWE,MBONAKO,WOHEBA,KWITAZA.KUKO,ABANTU.BAHUNZE.ARIBENSHE.KOBAZOHUNGUKA.ARIBENSHE.IBINTU.BARABIGURISHIJE.NONE,TURIKO.TURAVAHE?.TUJAHE?

  • arik none batwipfurizik?ico bomenya akaryoshe ntigahora mwitama kand ako nakarorero kabi bariko bareka twebw les futures

  • Burya muri africa intwaro zose ni kimwe twari dukwiye kubona ko dukwiye gufatana munda kubera abakuru b’ibihugu vyo muri Africa umengo barabaroze. Umunyafrica agiz ingorane twese twari dukwiye kumufata mumugongo ukwo dushoboye. Merci bcp Balai Citoyen!!!

  • nuwera wowe ushigikira cyane uzatwengwa cyane hari kera sha ubu ntibikunda wowe na petero muzumirwa ubushinwa n uburusiya ibihugu bitagira agateka ka zina muntu nibyo bibari inyuma huuu murahumba muranywa umuti

  • jewe icombona nuko abarundi bofatana mu nda

  • ahubwo amakungu nafashe burkinafasso badutabarize kuko umunyagihugu muburundi adashigikiye imana nkurunziza agigwa nka daniel ahoyatabga mucobo c’intambge ariko nibamenye ko twese turi bene mugab’ umwe kandi ko atawusangira n’uwutabega uwutwara ko atwarira bose

  • Ico twobona nukuri isi yose nihaguruk idukureko ikigirwamana nkurunziza gihamana n’abagomba kwiga.raba mfyondantahe cank ecofo,suspension de la bourse n’ubundi bwicanyi kubarundi,yemwe yemwe!!!!twomokere kwa obama dufatwe nimbonerakure!ahaaa

  • Imana Niyo Yonyene Yo Gutabara Uburundi Kuko Ntamunyakuri Ndahabona Kwigumiza Kubutegetsi Sinzi Inyungu Abantu Bariko Barapfa Uwutohunga Ntanumutima Yoba Agira

  • Imana Niyo Yonyene Yo Gutabara Uburundi Kuko Ntamunyakuri Ndahabona Kwigumiza Kubutegetsi Sinzi Inyungu Abantu Bariko Barapfa Uwutohunga Ntanumutima Yoba Agira

  • None Ko Ubwobutetsi Mwe Mubuharanira Buzotsindirande Petero Mbona Yogaruka Agatora Utwiwe

  • Mana None Ugira Waraduhevye!Tabara Uburundi Burageramiwe Petero Naw Amenyeko Atariwe Yize Muburundi Wenja Abarundi Botwara Igihugu Kandi B’umutima Ni Benshi Cane Ameny Ko Imana Izomubaza Kuva Atanguye Gutwara Ivyiza Yakoze N’ibibi Ndibaz Ivyiza Nivyo Bike!Imana Imufashe%

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.