IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure baheza za kaminuza, ntibazi gukoresha inyabwonko

Abanyeshure baheza za kaminuza, ntibazi gukoresha inyabwonko

mercredi 29 Rusama 2013

Ejo muri kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga, niho hatangwa inyabwonko zishika 230 zitanzwe n’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi mu ntumbero yo gufasha abanyeshure biga muri kaminuza y’Uburundi kumenya gukoresha ubuhinga bugezweho.

Iyo mfashanyo yaranezeye abanyeshure bo muri iyo kaminuza, aho bamenyesha ko ingorane bahora bagira mu bijanye n’ukutamenye gukoresha inyabwonko zigiye kugabanuka, ariko bagasaba abandi bagiraneza ko bofasha kugira umunyeshure wese mu minsi iza azobe afise inyabwonko yiwe akoresha mu bushakashatsi, kuko izo bafise ubu zitaragera gukwira igitigiri c’abanyeshure, ariko barashimira cane igihugu c’Ubufaransa kuri iyo ngabire babahaye.

Babandanya bamenyesha ko muri ikigihe atabandi bagiraneza boba baremera kubafashisha izindi nyabwonko ko Leta yokubita ibipfunsi ikabaronderera izindi kuko usanga mu bihe vy’ukwimenyereza inyabwonko imwe hari aho usanga isangiye abarenga babiri.

Abanyeshure baheza za kaminuza zitandukanye zo mu Burundi rero, baremeza ko baheza amashure batazi namba gukoresha izo mashine z’inyabwoko, bakavuga ko bagira ingorane cane iyo bahejeje amashure, baroye kurondera akazi kuko basigaye bakoreshwa ibibazo bijanye n’ubuhinga bwa none.

Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza, yarashimishijwe nawe nyene n’iyo ngabire akaba yavuze ko izo nyabwonko zigiye gufasha abanyeshure kumenya rwose gukoresha ivyirwa bijanye n’ubuhinga bwa none.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.