Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwarengewe n’ikibazo c’ibura ry’igitoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwarengewe n’ikibazo c’ibura ry’igitoro

Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwarengewe n’ikibazo c’ibura ry’igitoro

mercredi 18 Ntwarante 2015, par IGIHE

Ubushikiranganji bw’ubudandaji ntiburabona ingene bwotorera inyishu ingorane y’igitoro igisibije muri kino gihe, ahanini ivuye ku ngorane y’ibura ry’amafaranga y’agaciro (devises).

Ikibazo c’igitoro cabaye akananirabahinga, ntawuramenya aho ingorane iri vy’ukuri, mbere kukirondera n’ubu bikaba bisa no kurondera umuzi w’ibuye, ariko umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi agatanga insiguro ko ari ingorane y’amafaranga y’agaciro abuze.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa 18 Ntwarante, umushikiranganji w’ubudandaji, amaposita, amahinguriro n’ingenzi avuga ko atabona neza aho inyishu izotorerwa iyo ngorane y’ibura ry’igitoro. Ahubwo umushikiranganji Rose Nizigiyimana asaba abasanzwe bafise ama "Stations" ko bofata ingingo yo kudatanga igitoro kuri uwo wese azanye akadumu (akabido).

Ico kibazo kikaba cabaye ndanse kuko catandukiriye n’izindi ntara zo hagati mu gihugu nka Ngozi, kikaba gifise ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu na cane ku basanzwe bunguruza abantu. Iryo bura ry’igitoro na cane cane ca "Essence" kikaba catanguye kubura rwose inyuma yaho abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike asanzwe ari muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye yasavye Reta kugabanya igiciro c’igitoro kigashika ku 1700 kw’iritiro, mbere ico kibazo kikaba kiri mu vyatumye bahagarika imirimo kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante.


Floxella Karire

Messages

  • Muti umushikiranganji w’ubudandaji avuga ko atabona neza aho inyishu izotorerwa iyo ngorane y’ibura ry’igitoro? None nivyaba vyamunaniye ntiyotanga imihoho hakaza ababishoboye?

  • None atabone aho yokura inyishu ku ngorane zateye ku gitoro naco akaba ariryo soko nkora mutima rya businesss nka zose, arindiriye iki muri ico kibanza? Mu yandi majambo bisigura ko vyamunaniye, hama bimunaniye naho, igihugu ntikiba icana, nace atanga imihoho ahereze ababishoboye bagerageze!! Iyi ngorane yo kubona umuntu yananiwe ariko ntavyemere ku mugaragaro niyo izoduta mu kaga muri kino gihugu cacu. Natange imihoho, kandi azoba yerekanye "ubukerebutsi" ataraho naho, umukuru w’igihugu namubogoze murayo mabanga, abarundi turazi kandi turizeye neza ko hari abashoboye gufata ingingo zitunganya mu bihe nkibi!!

  • none ko B.R.B ivuga ko ama devise ariho ingorane zirihe?

  • Nimureke Igitoromuburundi Kiriho Ahubwo Abatunzi Barakinyegeje Kumvo Za Poritike Jewe niyuvyirako Barikobarafa Abatumirira Abenegihugu Mumyiyerekano. Yezu Tabara Abarundi Bawe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.