Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Imyidogo ni myinshi mu gisata c’ ugucukura ubutare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Burundi : Imyidogo ni myinshi mu gisata c’ ugucukura ubutare

Burundi : Imyidogo ni myinshi mu gisata c’ ugucukura ubutare

mardi 29 Ndamukiza 2014

Ivyo gutanga impusha zo gucukura ubutare no kubugurisha biratera imyidogo, bikava ahanini ku basaba impusha ariko ntibarihe, bivugwa na Come Manirakiza umushikiranganji w’ubutare n’agataka.

Kuri uyun wa 28 Ndamukiza, ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bwari buramutse bushikiriza ivyo bwaranguwe muri aya mezi atatu aheze y’umwaka wa 2014 . Mu vyaranguwe, umushikiranganji bw’ubutare n’agataka arashima ko ibihano vyari vyafatiwe uburundi vyahavuye kuwa 1 Ndamukiza, ivyo bihano navyo vyatuma ubutare coltan ,cassiterite na wolframites bidashorwa hanze bivuye mu Burundi.

Mu gisata kijanye no kwimba ubutare naho, itegeko rijanye n’ukwimba ubutare (code minier ) riherutse kwemezwa mu kwa Gitugutu, umwaka uheze, umuhikiranganji Come Manirakiza avuga ko hakibura ayandi mategeko kugira rishobore kuja mu ngiro.
IKindi naco, amenyesha ko ivyo kwimba ubutare no gutanga impusha zo kubwimba harimwo imyidogo itari mike, ivyo navyo bikaba biva kuri bamwe bamwe bahabwa impusha ariko ntibarihe.

Abandi nabo bakaza gusaba impusha zo kubucukura no kubushora, ariko ugasanga ni bake bemerewe. iyo rero ahawe uruhusha rwo kwimba, aba afise indwi zibiri gusa zo kuriha atari aho, urwo ruhusha ruca ruba impfagusa. Umushikiranganji Come Manirakiza amenyeshako hamaze kuriha amakoperative 6 yimba inzahabu gusa ayasavye mbere yahawe n’impusha zo kuriha nayo arenga 30. Come Manirakiza arasigura ko kubera aba bantu bimba n’umwimbu babona baba bafise, hari n’uwundi muce wabagura hanyuma bagashora abo nabo bamaze kwemerera 3 abamaze gusaba bose hamwe barenga 18.

Ibindi vyaranguwe n’ivyerekeye ivyo kubungabunga ingomero z’umuyagankuba hamwe no gutegura kwubaka izindi, aho yatanze akarorero ka Mpanda Jiji na Murembwe, Muzizi ya 3 na Kaburantwa ya 16. Tubibutse ko abo mu mashirahamwe agwanya igiturire n’abanyotora amatungo ya reta nka OLUCOME, badasiba gusemerera bavuga ko ico gisata ciziziwe n’akarwi k’abantu bari ku rushi , ibihangange muri Reta.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.