Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jay Fire yavuye mu Ntara ya Gitega ataririmvye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jay Fire yavuye mu Ntara ya Gitega ataririmvye

Jay Fire yavuye mu Ntara ya Gitega ataririmvye

lundi 29 Ndamukiza 2013

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013, umuririmvyi Jay Fire yahagurutse i Bujumbura aja i Gitega aho yari yitavye igiteramo yahamagawemwo cari kubera ahitwa kuri Orange Rodge kumugoroba wuwo munsi.

Ico giteramo cari categuwe n’umuririmvyi wo muri iyo ntara batazira Sug.b akaba atarakomera cane mu kuririmba kuko akiri uwo bita (Under Ground).

Kubera ko uyu muririmvyi Jay Fire akundwa cane mu ntara ya Gitega, vyatumye abantu baja muri ico giteramo bari benshi, amakuru avuga ko nyene gutegura ico giteramo yahakuye amahera menshi.

Jay Fire n’abari bamuherekeje bagumye barindiriye ko baza kubaraba ngo batangure kuririmba, barabura. Igihe c’isa zine z’ijoro nyene ikibanza cari kuberamwo igiteramo, yaje kubabwira ngo birahindutse kubera inzego z’umutekano ziranse ko igiteramo gitangura.

Ariko ababikuriraniye hafi ,bavuga ko izo mvo zidafashe kubera ahubwo umuririmvyi Sug. B yabonye hinjiye abantu benshi, kandi ko ama franga menshi aca yanka ko Jay Fire aririmba kuko bari bumvikanye ko aza kumuriha imbere y’uko igiteramo gitangura.

Jay Fire avuga ko ivyo vyamubabaje cane kubona yahagurutse i Bujumbura akagenda i Gitega maze agasubira inyuma ataririmvye. Uretse kuba yarababaye, n’abakunzi biwe barashavuye rwose. Jay Fire ngo bamusanze yicaye muri Olympia Club, bamubajije igituma atameze neza, ababwira ivyamushikiye.

Olympia Club ikaba ari inyubakwa ikundwa cane, ku bantu bakunda kwidagadura mu Ntara ya Gitega. Ariko nyene Olympia Club yaciye yemerera Jay Fire n’abari bamuherekeje aribo Black Arthur arongoye Akaga videoz na Arsène Bucuti wo muri Bonesha FM, co kimwe na Faradja Sindayigaya wa Royal net, ko mu gihe bo kwipfuza gusubira gutunganya ikindi gitramo ,Olympia izobakirana urweze


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.