Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2015 : Ibirori bikomeye vyo kwakira abakinyi ba Côte d’Ivoire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2015 : Ibirori bikomeye vyo kwakira abakinyi ba Côte d’Ivoire

CAN 2015 : Ibirori bikomeye vyo kwakira abakinyi ba Côte d’Ivoire

mardi 10 Ruhuhuma 2015

Umurwi w’Inzovu za Côte d’Ivoire wakiriwe mu cubahiro gikomeye cane igihe batahukana igikombe bakuye muri CAN 2015.

Umukuru w’igihugu Alassane Ouattara yari yishikiye ku kibuga c’indege kwakira umurwi nserukira gihugu uzanye igikombe. Aboneka yambaye agakofero karimwo ibara ry’umucungwe uhishiye, ibara riboneka cane mu mabara y’umurwi nserukira gihugu. Alassane Ouattara aboneka kandi afatanaye amaboko n’igihangange Yaya Touré batambuka bafatanye.

Eka si Alassane Ouattara wenyene yari yaje gutegera abo bakinyi, kuko n’abandi bategetsi bo mu ntwaro n’abanyagihugu bakunda umurwi nserukiragihugu bari bishikiye ku kibuga c’indege Félix-Houphouët-Boigny. Kuri iri genekerezo rya 10 Ruhuhuma niho hategekanijwe gutanga imidari ku bakinyi kirumara muri uwo murwi.

Mwokwibuka ko Côte d’Ivoire iherutse gutsindira igikombe ca kabiri kuva mu mwaka w’1992, hari kw’igenekerezo rya 08 Ruhuhuma ku kibuga c’i Bata muri Guinée Equatoriale. Ico gikombe yagikuye mu menyo y’ingwe kuko urukino na Côte d’Ivoire rwari rwananiranye.

Raba video aha munsi


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.