Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrica : Abasirikare ba Tchad bugururiye umuriro mu banyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrica : Abasirikare ba Tchad bugururiye umuriro mu banyagihugu

Centrafrica : Abasirikare ba Tchad bugururiye umuriro mu banyagihugu

lundi 31 Ntwarante 2014

Abasirikare bo mu gihugu ca Tchad barashe abantu benshi mu gisagara ca Bangui, ubwo nyene umunani baca baritaba Imana, abandi nabo barakomereka cane.

Abo basirikare bakaba bakoze ivyo, igihe bari baroye gutahukana abanyagihugu babo bipfuza guhunga umutekano muke uri i Bangui ku murwa mukuru w’igihugu ca Centrafrika. Abo basirikare b’igihugu ca Tchad bakaba barashe mu Buraruko bw’igisagara ca Bangui, aho barashe amasasu menshi cane, hirya no hino, aho ndetse bivugwa ko nico gitigiri c’abantu umunani bapfuye, gishobora kwongerekana. Ubwoba mu banyagihugu bukaba bwari bwinshi, aho ndetse n’abatari bake bahavuye bata baromoka kubera gutinya kuhasiga ubuzima.

Mwomenya ko ivyo bishitse mu gihe kuri uyu wa kane w’indwi iheze, abantu bashika kuri 20, bagandaguwe batewe amagerenade. Umutekano muke rero ukaba uguma wiyongera, naho bimwe mu bihugu vyo muri Afrika harimwo n’Uburundi, biriko birita ku rutare kugira intambara ziri muri ico gihugu zihagarare. Ubu bikavugwa ko n’inteko z’ibihugu vya Buraya zitezwe gufasha muri ico gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.