Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Charles Ble Goude ashigikiye Gbagbo yarafatiwe muri Ghana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Charles Ble Goude ashigikiye Gbagbo yarafatiwe muri Ghana

Charles Ble Goude ashigikiye Gbagbo yarafatiwe muri Ghana

vendredi 18 Nzero 2013

Uwari imbere mu kwiyamiriza abafaransa mu gihugu ca Cȏte d’Ivoire mu myaka ya 2000 Charles Ble Goude yarahagaritswe mu gihugu ca Ghana aho yari yahungiye inyuma y’ifatwa rya Laurent Gbagbo.

Inyuma y’umwaka n’igice urenga intambara y’inyuma y’amatora yabaye mu gihugu ca Cȏte d’Ivoire iheze,Charles Ble Goude ashigikiye Laurent Gbagbo yarahagaritswe mu gihugu ca Ghana.

Charles Ble Goude yahora arongoye urwaruka rushigikiye Gbagbo akaba yahora aronderwa n’ubutegetsi bushasha bwa Cȏte d’Ivoire kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2011 inyuma y’ifatwa rya Gbagbo ariko akaba yaciye aronka ubuhungiro mu gihugu kibanyi ca Ghana.

Nkuko Toussaint Alain yahora avugira Laurent Gbagbo I Paris,ngo Goude yahagaritswe nk’isaha zibiri kw’isaha mpuza makungu ahagarikwa n’abapolisi 8 bo mu gihugu ca Ghana na Cȏte d’Ivoire batambaye umwambaro w’igipolisi,ngo bakaba rero bafise amakenga mu gihe yari muri Ghana nk’impunzi ya politike bakaba batinya kandi ko ashobora kurungikwa mu gihugu ca Cȏte d’Ivoire.

Charles Ble Goude akaba azwi cane mu gihugu ca Cȏte d’Ivoire kuko inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza abafaransa mu mwaka wa 2003 na 2004 yari arongoye yaciye agenwa kuba umushikiranganji w’urwaruka n’akazi muri reta yashinzwe na Laurent Gbagbo.Ivyo akaba yarasubiriye kubigira kandi inyuma y’amatora yo muri 2010 aho yegeranije urwaruka rwari rushigikiye Gbagbo ngo bamushigikire agume k’ubutegetsi.

Tubamenyeshe ko Charles Ble Goude yavutse igenekerezo rya 1 Nzero 1972 i Niagbrahio mu burengero bwa Cȏte d’Ivoire ubu akaba afise imyaka 41, akaba yaraciye mw’ibohero hagati y’imyaka 1994 na 1999.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.