IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown > Chris Brown yategetswe kumara iminsi 90 yo kwivuza ibiyayuramutwe

Chris Brown yategetswe kumara iminsi 90 yo kwivuza ibiyayuramutwe

jeudi 21 Munyonyo 2013

Ku mugoroba w’uyu wa gatatu igenekerezo rya 20/11/2013, Umucamanza yategetse Chris Brown, umuririmvyi w’indirimbo zo mu mudiho wa Rap, kumara iminsi 90 akwirikiranwa n’abaganga bavura abanyoye ibiyayura mutwe vyinshi, kandi barabe n’igituma afise ishavu ryinshi.

Ivyo bibaye mu gihe yaheruka mu kigo nk’ico, n’ubu asubiyeyo. Uwo musore w’imyaka 24, yari yagirijwe gukubagura uwo babana Rihanna, hari mu mwaka wa 2009, ico gihe yaciye akatirwa igihano co gukora ibikorwa vy’akamaro kuri bose (travaux d’interet general) mu kiringo c’amasaha 24, bongera kandi bamupima urugero rw’inzoga n’urwi ibiyayuramutwe.

Mu kwezi guheze yari mu kigo i California gikwirikirana abo ibiyayuramutwe vyarenze, aho yagirizwa kuba yarakubaguye umuntu, yarekuye inyuma y’iminsi 13, akihasohotse yateye ikibuye imodoka ya nyina wiwe ayimena ikiyo. Chris Brown, inyuma y’urubanza rwa be na Rihanna yahanishijwe gukora ibikorwa vy’akamaro kuri bose (travaux d’interet general) vy’iminsi 180, n’imyaka 5 yo kumugeza « 5 ans de mise à l’épreuve » kubera yakubaguye Rihanna.

Ubutegetsi bw’i Californie bwibukije Chris ko yarenze amategeko kabiri aho yagira amakosa kandi ari ikiringo c’igeza « periode de mise a l’epreuve ».


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.