Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Ibura ry’amazi rirabangamiye amagara y’abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Cibitoke : Ibura ry’amazi rirabangamiye amagara y’abanyagihugu

Cibitoke : Ibura ry’amazi rirabangamiye amagara y’abanyagihugu

jeudi 25 Mukakaro 2013

Igisata c’amagara y’abantu mu ntara ya Cibitoke kirabangamiwe n’ibura ry’amazi mu makomine amwe amwe agize iyo ntara. Amakomine abangamiwe kuruta ayandi akaba ari Buganda na Rugombo, eka ndetse indwara ziva kw’isuku rike zigaca zaka indaro muri iyo micungararo.

Buramatari w’iyo ntara ya Cibitoke Anselme Nsabimana avuga ko intara ya Cibitoke igizwe n’uturere tubiri tw’amagara y’abantu ari two Mabayi na Cibitoke. Iyo ntara kandi ikaba ifise amavuriro 56, n’ibitaro bibiri bibiri, bikaba biri i Mabayi ibindi navyo mu Cibitoke. Buramatari akaba avuga ko ako gakarata gafasha abanyagihugu bato bato usanga badafise uburyo bwo kuja kwivuza mu mavuriro y’abigenga. Ikindi ni ukwo abanyagihugu bo muri iyo natara bakunda cane ako gakarata ka mituel. Ikindi ni ukwo indwara z’ivyaduka zikunda guhitana abantu benshi zidakunze kwibonekeza muri iyo ntara. Ariko rero ikibazo c’amazi kikaba kiraje ishinga abanyagihugu bo muri iyo ntara. Amakomine yegereye akarere k’Imbo Buganda na Rugombo niyo asanzwe akunda gufatwa n’indwara nka kolera.

Ibura ry’amazi meza rero rikaba ariryo rituma iyo ndwara iguma itwara ibuzima bw’abanyagihugu muri izo komine mu gihe c’ici. Eka kandi no mu gihe c’itasura y’imvura, amazi ntaba ari menshi.

Buramatari w’intara ya Cibitoke akaba arangiza asaba intererano ya Leta no ku bantu bose b’abagiraneza ko bofasha mu gikorwa c’ukuronsa amazi abanyagihugu, gurtyo indwara zibangamira abanyagihugu zifatiye kw’isuku rike zigaheza zikaranduranwa n’imizi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.