Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke:Umukenyezi yari ku mbanyi yabazwe atabikoresho none yahatswe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Cibitoke:Umukenyezi yari ku mbanyi yabazwe atabikoresho none yahatswe (...)

Cibitoke:Umukenyezi yari ku mbanyi yabazwe atabikoresho none yahatswe kuhasiga ubuzima

lundi 14 Nzero 2013

Ibintu vyahatswe kugenda nabi iyo Imana idakinga. Umuganga yabaze umukenyezi ata bikoresho bikwiye afise, ubu arafunzwe.

Muri kino gihe uwo mukenyezi agwariye mu bitaro vyo muri komine Mabayi arikumwe n’akana kiwe kavutse. Yitwa Ndayisenga amagara yiwe akaba yifashe nabi. Yaheruka kubagwa italike 1 Nzero uyu mwaka kugira yibaruke kw ‘ivuriro ritoya ryo muri zone Butahana komine Mbayi intara ya Cibitoke.

Uwo mukenyezi yarahatswe kwitaba Imana ariko arabagwa kuko abaganga bubahutse gukora ico gikorwa ata bikoresho bikwiye bafise. Umuganga Gervais Niyonkuru yabikoze ubu arafunzwe.

Jean de la Croix Butoyi, muganga arongoye intara y’ubuvuzi ya Cibitoke avuga ko n’ibindi bihano bizofatwa. Avuga ko n’iryo vuriro ritoya ryitwa Amahoro ryabagiwemwo uwo mukenyezi rishobora kugarwa burundu.

Si ubwa mbere abakenyezi bahakwa gupfa muri ubwo buryo. Kuri ivyo bitaro vy’i Mabayi ngo haramaze kwakirwa abandi barenga 10 bagize ingorane kubera kubagirwa ahantu hadakwije ibisabwa cane cane ivyuma bimeze neza.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke bagasaba ko abantu nk’abo bakinira ku magara y’abantu bohanwa hisunzwe amategeko hanyuma amavuriro adakwije ibikoresho akugarwa.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • AMAHOROYIMANA.ABANENAMWE.IMANAIMUJEIMBEUYOMUGWAYI.NIKIBONDO IMANAIKIHEZAGIRE KIGIREAMAGARAMEZA.ABAVYEYINABO.BAZOZEBAREBAIBITARO.BIKWIJE IBISABGA.HANYUMAUYOMUGANGA.AFATWE.ABAJEJWEUTEKANO HAMWENABAJEJWEAMAGARAYABANU NIBAKORE IVYOBAJEJWE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.