Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNTB: UPRONA iriyamiriza umugambi w’ishirwaho rya sentare idasanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNTB: UPRONA iriyamiriza umugambi w’ishirwaho rya sentare idasanzwe

CNTB: UPRONA iriyamiriza umugambi w’ishirwaho rya sentare idasanzwe

jeudi 27 Ruheshi 2013

Mu kiganiro umugambwe UPRONA watunganije ku banditsi n’abamenyeshamakuru, umushingamateka Karori Nditije arongoye uwo mugambwe yamenyesheje ko ababazwa n’uko abatanze ivyigwa bari batowe n’uwo murwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo (CNTB), mu ntumbero yo gushigikira umugambi w’ishirwaho rya ya sentare idasanzwe izoba ije gutora inyishu ku kibazo c’abanyazwe.

Kubwa karori Nditije, iciyumviro co gushinga sentare idasanzwe aho abantu botorera ingorane z’amatati aba yadutse igihe uwo murwi CNTB woba uriko urashira mu ngiro ingingo zimwe zimwe, ntana gato yoba ari inyishu irama kugusubiza hamwe no gufasha gusubira mu vyabo abo baba baranyazwe amatongo yabo. Umushingamateka karori Nditije akaba yashikirije amakenga afise kuri iyo sentare ku bwiwe ifise utunenge, ntiyoshobora guheza burundu ibibazo bihari. We abona ko gushiraho sentare nk’iyo idakwirikije rya tegeko riyitunganya, rikayiha n’ububasha ryoba rije ryitandukanya n’ibwirizwa nshingiro.

Icongeye ko ngo ni uko iyo sentare yoba ije kwemeza no gushigikira ingingo za CNTB. Twokwibutsa ko ishirwaho ry’iyo sentare idasanzwe ni kimwe mu vyari vyasabwe inyuma y’uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro rwatunganijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu kuwa 24 na 25 Ruheshi 2013 ku civugo: "CNTB n’ubutungane twese hamwe mu gusubiza mu vyabo ababinyazwe no kunywanisha abarundi".


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.