Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Combucha-Tea inzoga igisibije mu ntara z’Uburengero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Combucha-Tea inzoga igisibije mu ntara z’Uburengero

Combucha-Tea inzoga igisibije mu ntara z’Uburengero

mercredi 16 Mukakaro 2014

Mu ntara ya Bubanza, ubwoko bw’inzoga yitwa Combucha-Tea iragisibije, mu gihe iyo nzoga n’abaganga bari bamaze kuvuga ko yonona amagara y’abantu.

Amaritiro agera ku gihumbi n’amajana atatu akaba ariyo yasheshwe n’igiporisi muri iyo ntara, nayo uwafashwe ariko arayicuruza, ubu akaba ari mu minwe y’inyamiramabi. Iyo nzoga rero isanzwe irimwo isukari nyinshi hamwe n’ibindi bikoresho bitameze neza biyikoreshwa, kandi bikonona amagara y’abantu,muganga Bonithe Havyarimana, asaba ko iyo nzoga ahubwo yotuzwa muri iyo ntara, ndetse binashobotse igatuzwa mu Burundi bwose.

Mukaba mwomenya ko iyo nzoga ishobora kuba ituma abayihereza bavyimaba inda, imibiri yabo ikabenja, tutibagiyeko ituma n’amaso avyimba, nk’uko bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke ahasanzwe havugwa iyo nzoga kandi, nk’uko bigeze kubiyagira ikinyamakuru IGIHE.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.