Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Concilie Nibigira afata ko abahakana uburongozi bwiwe bakoreshwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Concilie Nibigira afata ko abahakana uburongozi bwiwe bakoreshwa

Concilie Nibigira afata ko abahakana uburongozi bwiwe bakoreshwa

dimanche 23 Ruhuhuma 2014

Concilie Nibigira aherutse gushikirizwa uburongozi bw’umugambwe UPRONA, abuhawe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, amenyesha ko yizera cane inzego z’umugambwe mu gihugu, kuko kanatsinda nibo bari bamutoye mu mwaka w2009 nk’icegera c’umukuru w’uwo mugambwe.

Uwo avuga ko arongoye umugambwe UPRONA, uburongozi bwemerwa na Edouard Nduwimana, yamenyesheje ko yizera cane ko abarongoye uwo mugambwe mu ntara zo hagati mu gihugu bamwemera. Concilie Nibigira avuga ko mu gihe aribo bari bamutoye mu kibanza c’icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA mu mwaka w’2009, ntacobuza ko bamwizera. Ku bwiwe rero, nta mpungenge bimuteye kuko "muri poritike buraca bugacana ayandi, uno munsi havugwa ibi ejo bigahinduka."

JPEG - 38.5 ko
Concilie Nibigira, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Kuba naho abo barongoye uwo mugambwe mu ntara baramwandikiye, aho mbere biyamiriza uburongozi bwiwe, Cincilie Nibigira amenyesha ko ataco bivuze. Ku bwiwe, afata ko ababivuga boba bariko barakoreshwa, ivyo rero nk’uko avyivugira ntibimuca intege, kuko amenyesha ko poritike ayimenyereye.

N’aho uwo avuga ko arongoye umugambwe UPRONA yizeza ko abakuru b’umugambwe mu ntara zo hagati mu gihugu bamwemera, ku ruhande rwa UPRONA irongowe na Karoli Nditije biyamirije bivuye inyuma uburongozi bwa Concilie Nibigira, mukibuka ko baheruka n’ukumufatira ibihano vyo kumwirukana muri UPRONA bamwagiriza ko yahemukiye umugambwe UPRONA.


Floxella Karire

Messages

  • cons: abanntu twese tukweramera turinyuma yawe tezimbere igihugu :pr: ati bavuga dukora

  • Vyari vyizako UPRONA zose zija hamwe zikumvikana zonyene atawundi muntu abagiye hagati kuko UPRONA bonyene nibo bazi ivyo bapfa.

  • KONSILIA UZOPFA NKA GAHINI KUKO WIHENZE IPRONA NTACO UZOYIKORAKO JEWE NDI UMU FNL 100-0 NKUBWIRE NTAMUGAMBWE BAZOKORAKO NAGATOYA TESWA UTE MUZOZANA NA NKURUMBI 2015

  • Jewe simbona ivyifuzo vyaba Nditije nabo barikumwe, mbe abana babo ntibiga za Buraya, ntibafise ibirara hanze no mu mazu. Mbe bagize Uprona icibare cabo n’imiryango yabo. Erega ivyo birukira biva muri Leta n’abandi barabishaka. Mbe aho mwaririye ntimurahaga?

  • Niwirambire mukenyera rugamba twebwe imbonera kure za CNDD turinyumayawe kandi tura gushigikiye

  • hariho UPRONA imwe rudende sinyinshi.

  • Ivyo uwomuvyeyi Concillia yakoze nivyotwita kurengera umugambwuriwo, ubwokurimwo, intara urimwo ugaharanira ineza yabeneguhugu bose , Abantunkabo ukobakomeza kurwira niko abansibabo bazokomeza kugabanuka.

  • Je suis désolé Concilie, ahubwo niwe ukoreshwa na DAYIMONI , ahubwo mbabazwa n’ingene wahora uri mu bantu nemera kera. Je ne suis UPRONISTE mais tu m’as deçu. Ubwo uraryama ugasinzira. Je ne pense pas. Wihangane rero unigane niyo shetani yaguteye. Umukuru wa UPRONA GUSHIKA UBU JE NZI KANDI NEMERA NAHO NTARI MU MUGAMBWE Nditije Charles

  • Nyakwubahwa Mufasoni urongye Iprona ndaguhaye mwiriwe bwinshi cane,nawewe witwa MAMA,mwiriwe neza,concilia bandanya uterintege abarundi mugufashanya nabandi mugutunganya amabanga y.IGIHUGU,abo bandika ivyiyunviro bitaroranye bime amatwi,abenshi murabo na Bana na Buzukuru babo batama baguma biboherera kumugambwe IPRONA,Basogokuru bati amaso y,ibikere ntabuza abavoma,abobose rero bavuga yamuhe nibamwe banyaze ivyabandi muri yamyaka,none baguma batoba kugirango ntibasubize ivyo basahuye bishimikije ryategeko rihumanye ryatanzwe na MICOMBERO.ba PRONA mwese mumenye kwatanumwe womuwundi mugambwe yanyaze ivyabandi Atari abari bagize uwo mugambwe muriko muraniganira iprona.nimushire ahintahe ishaka,apana aho mwebwe mwabatama mushaka,umuntu afise uburenganzira ahabwa n,amategeko bwo gukoranya inama,canke gukoranya ABA PORONA,ntawundi Atari Concilia wenjene.abandi mwese muriyadukiza.amategeko y,umugambwe na y,IGIHUGU ntabazi kandi ntabemera.uwuzwi nuwo MUFASONI W,IJUNJA NIJAMBO.

  • @Mama
    Basi hoho ba ugerageza kwandika ikirundi neza. None ga yemwe ugire gutanga ivyiyumviro bicuritse uce unongera wandike ikirundi nabi cane!!!

  • I’m so sorry Uwubizi,I want to tell you some thing,if you don’t know how to read’s my words writing from my comments please go head to the next comments and I will happy thank you for understanding me. Nzonezerwa igihe urukundo rwanje nawe dusanzwe dufitaniye utaruhagaritse bivanyenuko ivyonanditse usanda bidasomeka. Ariko ushaka kubimenya urazobaza mugenziwacu UWAMAHORO kuwewe yabisomye birakunda.

  • Uwo mama ntakwiye iryo zina ni imbonerakure ntabeshe!!!!Concilie ni umuhutukazi kandi azi ubwenge arazi ico akina,..Abakenyezi twari kuguhunda amashurwe iyo uba utibishijwe na dd nta nyungu mawe !!!Baraye bagukuye mu mugambwe na dd ntaco uzoyifasha kiretse ukuye barya ba deputes uzobikika gute ga sha !!!Iyo wumva ngo mwe na Edouard muzi amabwa menshi!!!

  • Ahubwo mpa akanamba kiwe tuvugane nawe ndamufashe nanje tuwurongore

  • @Mama
    "...if you don’t know how to read’s my words writing from my comments please go head to the next comments and I will happy thank you for understanding me..."

    Ndakubabariye kuko si wewe kabisa urarengana. N’ icongereza kucandika si ikirenga canke tout simplement ntaco uzi neza.
    Ariko humura ni ururimi atari urwacu na kare abarundi benshi ntibaruzi. Uzogume rero wiyandikira mu kirundi canditse nabi nta kundi. Ivyiyumviro vyo nta kintu kizima na kimwe niteze kuvanamwo.
    Ugire umunsi mwiza aho uri kandi ugume ugerageza kwungura ubumenyi mu congereza no mu bindi vyose bishoboka.Si vyo none ga mwene wacu?

  • MAMA biraboneka ko wize YAGAMUKAMA hahahaha nari nakubujije gusubira kwandika nabi canke ugasaba umuntu azi ikirundi akakwandikira basi. Wanditse mu congereza hoho agahinda numva ikigongwe kiranyishe. Ubu hagize umwongereza asoma commentaire yawe YOCA AGUSHIKIRIZA UBUTUNGANE BUJEJWE KURINDA URURIMI RW’ICONGEREZA. yoooo hewe niveau yawe ndayimenye sinzongera kubabazwa nuburofa bwawe. Please go to school or Keep silence

  • warahemutse uri igihemu, Imana iduhe ntihagire umwana wawe n’uwu burundi canke uwo kwisi yose yogutwara akoko twoba twambaye ibara! muga bitebe bitebuke, ndakubona wamaramaye usigaranye ka ga shurwe Edward yaguha kuri Saint Valantin gusa.

  • Nivyukuri jewe nitwa Mama, sinshoro gutukana, sinshora gushirisoni, ikindindakuze, uwavuzengoninze muriyagamukama ndamushimiye kuko yaritegereje ivyiyumvirontanga asanga ntagutukana nkunzegukoresha acanyita akazina keza kitwa UWIZE YAGAMUKAMA, uyundi yambwiye ngo jewe Mama ngondi imbonerakure, nawe yavuzeneza kukondafise abuzukurubeshi bimbonerakure ndabakunda kuko bafatiye runini igihugu nabakibamwo, mumwaka wibihumbi 2010 nyumayamatora, abariko bararondera abobajana mwishamba kwitegurira kudurumbanya umutekano wigihugu izombonerakure nzarababangamiye bituma bataronka ahobamenera mumihana, hagize akobatwaranako police ikabayabacakiye, bagizebaracagerageza gukwepa police igisirikare ngo nindeyababwiye kuvogera ama bereau vyacu? murimake abageragejebose guhungabanya umutekano wigihugu bikanka kubera abashinzwe umutekano wigihugu bahabereye igitangaza, nunomusi guhera icogihe umujinyawose nubumaramare bawutayeku IMBONERAKURE barazitanze muri ONU, Buraya, America, nahandi, ntakindi baziziza atarukuberako zababangamira igihe bariko barashaka kwigisha ubugaba nokuzimiza abanyagihugu ziklabazabimenye nkejo kukozibanazo zirimwomwabo benegihugu. Rekambwire abatazi imbonerakure, imbonerakure ugiye murabo babayehoneza ngahamu Burundi zirimwo, ugiye mubakene zirimwo.Rekandangize ndababwirako jewe ntashobora kugira amashari kubera jewe naragiriwe Ubuntu kukonageze murikigihe cizabukuru mfise ibintubinkwiye mbere nishakiye ndagiriraneza nabandi bakiberahoneza buryangaha mu Burundi uhabaye ufisumutimamwiza ntakibuza Imana iraguhezagira ikongera igahezagira nivyutunze, noyo uwubahuka akavugango perezida wigihugu ngo umutwewiwe ngurimwamazi amaherezo yuwavugagurtyo simeza,kandi ntaburenganzira umuntafise bwogutukana ntimuzokwihende. Sindumuvugizi wa perezida ariko ni perezida wigihugu canje.

  • Giramahoro,mama ayo mazina uyitwa kuva ryari ko ndakuzi?Ni mukibano uvuga uko? None aba bana bawe ko bakiri bato uzobaraga iyi mvugo?Niwaja mu rusengero uratura bagusengere!!

  • Wewe Manirambona, uwo Mama uzi afisabana nuyundi twitiranywa, arikobirashoboka ukabawabonye abuzukuru arikonabonyene ubabonye ukacureba imyakamaze wocumenyako nyabana atarabana banje, muvyukuri jewe hanomu Burundi abantubeshi baranzi, ariko vyarongerekanye mukumenyekana kuvaho umwanawanje wakabiri amariye gushingwa amabanga akomeye muri reta. HANYUMA IVYUWO MUGENZIWACU YITWA GIRAMAHORO, NTAVYONZI KOMWOBA MUZINANYE.

  • Akagwi kikiganda kibihemu karakwiye!!Consiliya,Tharacissi ubu naho Delphin Chef protocole!!!Mbe bibaza ko ari protocole yo mumanza!!Inyuma ya Mbayahaga nubu A3 bwiwe babonye Delphin umukokayi w’inka zo kwibuye(Mushikamo muri Rutegama)akongera kuba banuganuga ko ari mukagwi katikije inka za Kiganda na Rusaka Baziba!Hahora amashami muri Uprona ubuho iryobaba numuhero!!!!!

  • badasigana mwese komera kwijambo,mukomeze ubumwe ,ishaka,ntankeka ingoro izosubira muminwe yanyu.ingwe yavyaye ,yarakankamye ,abazoba abana baca barakankama,abazoba utugomba bariruka nubu ntibarahagarara.iciza nuko abana aribo benshi utugomba,kazi niduke cane.maze iminsi ngenda mumahanga aho nciye hose icokibazo kiravugwa.abo nabo bajewe kunyaga nukugabira bandayabataye ni barindire gato, impera yabo ni muri 2015 kandi ntibibagire ko umukuru umufasha guteka inkono yikibi yagera gusha akayigutana.

  • badasigana mwese komera kwijambo,mukomeze ubumwe ,ishaka,ntankeka ingoro izosubira muminwe yanyu.ingwe yavyaye ,yarakankamye ,abazoba abana baca barakankama,abazoba utugomba bariruka nubu ntibarahagarara.iciza nuko abana aribo benshi utugomba,kazi niduke cane.maze iminsi ngenda mumahanga aho nciye hose icokibazo kiravugwa.abo nabo bajewe kunyaga nukugabira bandayabataye ni barindire gato, impera yabo ni muri 2015 kandi ntibibagire ko umukuru umufasha guteka inkono yikibi yagera gusha akayigutana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.