Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo: Impanuka y’indege Itwara Abantu Yahitanye Abantu Batanu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo: Impanuka y’indege Itwara Abantu Yahitanye Abantu Batanu

Congo: Impanuka y’indege Itwara Abantu Yahitanye Abantu Batanu

mardi 5 Ntwarante 2013

Abategetsi bo muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, muri iki gihe, bavuga kw’impanuka y’indege itwara abantu mu buseruko bw’igihugu yahitanye abantu batanu, inyuma yuko amakuru y’imbere yaho amenyesheje kw’igitigiri c’abantu bapfuye cari kirengeye ngaho cane.

Abategetsi b’igihugu ca Congo, batangaje kw’abantu batatu canke barenga barokotse iyo mpanuka y’indege itwara abantu, Fokker, igihe yagira isanganya, ejo ku musi wa mbere mu gice kibamwo abantu mu gisagara ca Goma, umurwa mukuru w’intara ya Kivu yo mu bureruko.

Iyo ndege yari igiye mu gisagara ca Goma ivuye mu gisagara ca Lodja kiri hagati mu gihugu igihe yakoroka.

Amakuru atangwa n’igipolisi, yatangaje kw’abarokotse iyo mpanuka bariko bavurwa mu bitaro.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri Congo, alexander Essome, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’akarere iyo ndege yagiriyemwo impanuka, karangwa n’ibihe bibi, igihe iyo mpanuka yaba.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.