Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Côte d’Ivoire: Umuhungu wa Gbagbo yarekuwe mu bandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire: Umuhungu wa Gbagbo yarekuwe mu bandi

Côte d’Ivoire: Umuhungu wa Gbagbo yarekuwe mu bandi

mardi 6 Myandagaro 2013

Abantu cumi na bane bahora bapfunzwe mu gihugu ca côte d’Ivoire bagirizwa kuba bari abayoboke ba Laurent Gbabgo bararekuwe, muri abo hakaba harimwo umuhungu wiwe Michel Gbagbo.

Abo bose ukwo ari cumi na bane, bafashwe co kimwe n’abandi bantu isinzi mu mwaka w’2010 ushira uw’2011, inyuma y’ikurwa ku butegetsi rya Gbagbo. Ubushikiranganji bw’ubutungane bukaba bwabaye burabarekura ivy’agateganyo kuva kuri uyu wa 5 Myandagaro uyu mwaka. Ariko rero, ngo bazoguma bitaba gushika urubanza rwabo, co kimwe n’ivyo bagirizwa birangire. Kiretse umuhungu wa Gbagbo yapfunguruwe, harimwo n’abandi bantu bamwe bamwe bari bakomeye ku ntwaro ya Gbagbo bapfunguruye ejo. Muri abo twovuga nka Pascal Affi N’Guessan yahora arongoye umugambwe wa FPI, umugambwe wigeze kuba uri ku butegetsi na Justin Koua yari arongoye urwaruka rwo mu mugambwe FPI.

Iryo rekurwa ry’abatavuga rumwe n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi rikaba ryarashimwe n’abatari bake, haba abo mu mashirahamwe mpuzamakungu, abari mu migambwe itandukanye, na cane cane umugambwe FPI. Leta irongowe na Alassane Ouattara bamenyesha ko ivyo biriko bikorwa mu ntumbero yo gusubiza icuka ciza mu gihugu, na cane cane gutsimbataza amahoro mu gihugu ca Côte d’Ivoire, nk’uko vyashikirijwe mu cegeranyo cashizwe ahabona n’inama nshikiranganji.

Iyo ngingo rero ifashwe mu gihe buca hahimbazwa umunsi ico gihugu cibuka intahe y’ukwikukira kw’igenekerezo rya 7 Myandagaro. Ikindi ni ukwo hari abandi barekuwe haraheze umwaka abo ni nka Gilbert Aké N’Gbo yari umushikiranganji wa mbere co kimwe co kimwe n’uwari umushikiranganji w’ubutunzi. Ico mwomenya mu kurangiza n’uko Laurent Gbagbo n’umutambukanyi wiwe Simone bompi bakiri mu munyororo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.