Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Damasiko: Umushikiranganji wa mbere yahatswe kwicwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Damasiko: Umushikiranganji wa mbere yahatswe kwicwa

Damasiko: Umushikiranganji wa mbere yahatswe kwicwa

lundi 29 Ndamukiza 2013

Wael al-Halaqi , umushikiranganji wa mbere muri Syriya ,yahunze igitero cabaye uno munsi igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2013 i Damasiko aho ibombe yaturikijwe mu nzira yarimwo.Ubwo nyene abari basanzwe bacungereye umutekano baciye bahasiga ubuzima. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’imboneshakure yo muri ico gihugu nyene.

JPEG - 44.3 ko

Wael al- Halaqi yari mu muduga igihe iyo mbobe yaturika.Kubw’itororokanizo ry’amakuru “Associated Press”, ngo iyo bombe yari yatezwe mu muduga wari uhagaze kw’ibarabara, ica ituritswa igihe uwo mushikiranganji wa mbere yararenganye. Imiduga myinshi yaraho , ikaba yaciye isha , umushikiranganji wa mbere Wael al- Halaqi akaba ataco yabaye ariko bivugwa ko umwe mubamucungera yoba yaciye ahasiga ubuzima.

JPEG - 40.2 ko

Ico gitero kikaba cabereye muri karitiye y’i mazze, i Damasiko yari isanzwe icungerewe cane , akaba ari naho hasanzwe haba abategetsi badasanzwe b’ico gihugu ca Syriya.Hakaba hari kandi inyubakwa za Leta n’ivyicaro vyinshi vyo mu bisata vy’iperereza.

Wael al-Halaqi ari k’ubutegetsi , nk’ikiringo c’umwaka ubura gato akaba yasubiriye Riad Hijab , uwo nawe akaba yahisemwo kuja mubatavuga rumwe na Leta.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.