Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Doing business 2014: Uburundi bwarateye intambwe ishimishije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Doing business 2014: Uburundi bwarateye intambwe ishimishije

Doing business 2014: Uburundi bwarateye intambwe ishimishije

mercredi 15 Rusama 2013

Mu mubonano wo gushira ahabona icegeranyo ca “Doing business ” umwaka w’2014, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yamenyesheje gushiraho ikibanza gishobora kuronderwamwo ibikenewe vyose(guichet unique) irico kintu c’ifatiro mu biri muri ico cegeranyo.

Kubwa Gervais Rufyikiri, vyatumye igihugu cunguka ibibanza birenga mirongo ibiri mu bihugu vyorohereza abanyamitahe n’abarwizatunga. Ubu Uburundi bukaba buharurwa mu bihugu cumi vya mbere muri Africa vyorohereza abanyamitahe.

Abari batumiwe muri uwo mubonano barashimye iyo ntambwe igihugu cateye, naho hakiri ivyokosorwa muvya politike, intwaro ibereye, ubutungane kuko nivyo biri muvyo abatanga ibibanza bakorerako.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri yamenyesheje ko igihugu kiriko kirakora ibishoboka vyose kugira utwo tunenge dutosorwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.