Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Drepanocytose, imwe mu ndwara mvukanwa ibangamira abirabure (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Drepanocytose, imwe mu ndwara mvukanwa ibangamira abirabure (...)

Drepanocytose, imwe mu ndwara mvukanwa ibangamira abirabure gusa

jeudi 19 Kigarama 2013

Indwara “ Drepanocytose” si indwara yandukira nk’uko abantu bavyiyumvira, ariko ni indwara mvukanwa iba ivuye kuma “genes”, ingorane abavyeyi baba bafise mu gace kaba kari mu mubiri. Iyo abahuje ibitsina bose bafise iyo ngorane yo mu gace gatwara amaraso, n’umwama bibarutse araheza akayivukana.

Mu matohoza yakozwe, basanze indwara “Drepanocytose” ari indwara ifata abirabure gusa, nk’uko bayita mu gifaransa “maladie des noires”.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Eric Akira, umuzezwabikorwa mw’ishirahamwe ryishinze kurwanya indwara Drepanosytose hamwe n’indwara z’akaronda, ABLD yamenyesheje ko indwara Drepanosytose, ari indwara ibangamiye abatari bake bafise urukoba rwirabura, aho ibice bigera kuri 90 kw’ijana ari abana bari munsi y’imyaka itanu. Muri Afrika ku bana bavuka, umwe kuri 36, avuka afise indwara ya Drepanocytose atabizi.

JPEG - 28.8 ko
Eric Akira

Bimwe mu bimenyetso nyamukuru vyerekana iyo ndwara, hari ukugira ububabare buremereye mu mubiri, ibimenyetso vyo kubura amaraso “anemie” bivuye ku gace gatwara amaraso bita hemoglobule rouge kaba karwaye, bigaca bituma umurindi w’amaraso udasubira gukora neza, amaraso nayo agaca abura mu mubiri. Hari kandi no kugira umusarani usa n’umuhondo, n’umubiri ugasa n’umuhondo, ingingo nazo zikavyimba.

Eric Akira, umwe mubagize ubushakashatsi kuri iyo ndwara ya Drepanocytose, amenyesha kandi ko hari ugushobora gufatwa n’iyo ndwara kugera ku bice 25 kw’ijana ku bavyeyi, bakavyara abana bafise iyo ndwara mu gihe bose bosanga bafise Drepanocytose. Mu gihe naho ari umwe mubavyeyi ayirwaye, hari ugushobora, gushika ku bice 50 kw’ijana, kuvyara abatagaragaza iyo ndwara, ariko abo nabo bagashobora kuzovyara abayirwaye.

Indwara ya Drepanocytose, ni ndwara itica giturumbuka, ariko ishobora gukwega utundi turwara mu mubiri, ishobora mbere no gukingirwa mu gihe imenyekanye kare. Nko ku bavyeyi bibungeze bafise iyo ndwara, barabatera inshinge yica imigera iterwa n’iyo ndwara, kugira ntaze ayivukane. Mu gihe naho yibarutse umwana yayanduye, umwana bamuha imiti igabanya ububabare bwose buterwa n’iyo ndwara.

Bimwe muvyokorwa mukuyirinda hari ukunywa amazi menshi, gufungura ibifungurwa bifise inyunyunyu vya fer ( imboga, ivyamwa, inyama n’amata), kwirinda kuguma ahantu hapfunganye, ata kayaga kinjira, kwirinda kuguma ahantu hakanye, kwirinda kwambara impuzu zituma amaraso adatembera neza mu mubiri, kwirinda kuja mu mukungugu, kwirinda kugenda ibirometero birenga 1500 n’amaguru, hamwe no kwirinda kuja ku zuba umwanya muremure.

Eric Akira yahamagariye abantu bose kwipimisha imbere y’uko bagira umugambi wo gushinga urwabo, mukwisuzumisha ko ata ngorane zo mu maraso bafise.

Mwomenya ko Lilian Thuram, umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru ava muri Guadeloupe, asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa, nawe ari mu bagendana indwara Drepanocytose. Akaba yatowe ku rwego rwo kw’si kuba uwuserukira abandi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze kurwanya indwara ya Drepanocytose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.