Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Abantu 13 biketsweko Ebola bapfuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > RDC : Abantu 13 biketsweko Ebola bapfuye

RDC : Abantu 13 biketsweko Ebola bapfuye

vendredi 22 Myandagaro 2014

Ikiza ebola kiriko gikwiragira muri Afrika y’Uburengero mu mwanya muto cane, nk’uko Joanne Liu, arongoye abaganga batagira imbibe (Médecins Sans Frontières), yabishikirije kuri uyu wa 15 Myandagaro, inyuma y’imisi cumi agenduye akarere katewe n’ico kiza ebola. Ivyo bigatuma n’ibindi bihugu vyegereye ako karere bishobora kwandukirwa n’iyo ndwara.

Muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Dr Félix Kabange Numbi, kuri uwu wa kane uheze, abantu 13 nibo bihitanywe n’ingwara y’ubushuhe (fièvre hémorragique) itaramenyekana neza ikiyitera kuva kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro, mu karere k’Uburaruko bushira Uburengero. Abo 13 bapfuye bakaba berekana ibimenyetso vy’ubushuhe, gucibwamwo, kudahwa, bagire basandabe naho bakadahwa ibintu vy’irabura.

Abantu bashika kuri 80 bari begereye abo bishwe n’iyo ndwara bariko bakurikiranwa aho basanzwe baba gushika ikiringo c’imisi 21 giheze. Abazogaragaza ibimenyetso vy’iyo ndwara bakazoca babanyarukiriza ku mavuriro ari i Lokolia ni Watsikengo. Hakaba hari ibipimo bigiye kugirigwa mu kigo c’ubushakashatsi (Institut natonal de recherche biomédical) naho bapimira muri Gabon, kugira bamenye igitera iyo ndwara. Inyishu zikazoboneka inyuma y’imisi 7, nkuko uwo mushikiranganji ajejwe amagara y’abantu yabimenyesheje.

Tukamenyeshwa n’uwo muganga Félix ko umugera utera indwara ya ebola watowe muri RDC mu mwaka w’1976, kandi ukaba umaze guhitana abantu bagera kuri 1300 muri Afrika y’Uburengero kuva mu ntango z’uwu mwaka.


Nadege Irakoze

Messages

  • yaaahaaa karabona namaza ! ewe burundi ukabona ebola irashitse???akawe kazoba karagiye burundi ???yoooooo ewe burundi iyo mwuva ahakugwa niki ???yoii raba korera;marariya;utumwanya twamaraso;etc ndagutakiye urabona gaburundi ahava ushobora kungwanya ( ebola)?????mana rindira ntuduteze ebola ubona niyo waduteje tutararonka umuti iyo nayo siyindi((ebola DD))rindira rero mana ntutwongere iyigira kabiri

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.