Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola: Ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya birarajwe ishinga n’ico (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ebola: Ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya birarajwe ishinga n’ico (...)

Ebola: Ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya birarajwe ishinga n’ico kiza

mercredi 8 Gitugutu 2014

Tereza yakora ku bitaro vy’i Madrid muri Espagne yanduye umugera Ebola ku butaka bwa Buraya, yandukijwe n’uwarayigwaye yavanywe mu gihugu ca Liberia, vyatumye Bruxelles isaba ko Espagne itanga umuco ku vyashitse uwo mukozi akandura Ebola. Abashika kuri batatu, harimwo umugabo wiwe, bari muri ivyo bitaro.

Teresa, yafasha mu kuvura (une aide-soignante) w’imyaka 40, yabonanye ari mukazi kiwe n’abamenyeshamana baribarwaye ebola bayikuye muri Afrika baje kuvurirwa mu gihugu ca Espagne. Ivyo bikerekana ko habaye amakosa mu bijanye no gukingira abandi ko bandura. Kuko yinjiye mu cumba c’uwurwaye hama arayandura atabizi, bukeye ntibamusuzuma ngo barabe ko yanduye uwo mugera, baramureka aja mu buruhuko. Inyuma y’indwi, niho yatangura kwumva ashuha, afise uburuhe, adahwa, agacibwamwo. Asaba ku bitaro ko bomupima, baramwankira. Vyasavye ko abisaba ashimitse kugira bamupime, basanga yaranduye ico kiza.

Ubu akaba yashizwe ahirereye, hamwe n’umugabo wiwe. Abashika 30 harimwo abaganga n’abaoforoma babonanye na Tereza bakaba bashinzwe ijisho mu kuraba ko nabo batanduye.

Benshi bakibaza igituma bamuretse akaja mu buruhuko kandi barindirije ku mupima ? Bikerekana ko abajajwe amagara y’abantu batafashe nkakama iyo ndwara imaze inganda.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.