IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Epithace Nshimirimana yatorotse ibohero rikuru rya Mpimba

Epithace Nshimirimana yatorotse ibohero rikuru rya Mpimba

vendredi 14 Myandagaro 2015

Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Gitega, ntakibarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Epithace Nshimirimana yatorotse iryo bohero, ubu akaba abarizwa muri kimwe mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Amakuru ikinyamakuru IGIHE gifise n’uko Epithace Nshimirimana yatorotse ku wa 10 Myandagaro, afashijwe na bamwe mu baporisi b’igihugu. Abo baporisi bamufashije gutoroka, akaba aribo bamufashije no gusohoka imbibe z’igihugu inyuma y’iminsi itatu ari hagati mu gihugu c’Uburundi. Epithace Nshimirimana akaba yari yafashwe ku wa 12 Rusama uwu mwaka, afatwa n’abantu atamutahe bamweretse babanje kumushira igitambara mu maso imbere y’ibitaro vyitiriwe umwami Kheled mu Kamenge, ndetse muri abo bamufashe, hakaba harimwo abaporisi yemeza ko yamenye, aho bamuboreje igufa.

Muri abo Epithace Nshimirimana akaba yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko harimwo uwitwa Stanny na Wilson, aho avuga ko bitebe bitebuke azitura ubutungane, aho bamuboreje igufa iminsi igera kw’icenda mu biro vy’igendereza i Bujumbura. Epithace Nshimirimana akaba abaye umunyeporitike atorotse ibohero rikuru rya Mpimba afashijwe na bamwe mu baporisi inyuma ya Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.