Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fariouz agiye gusubira kurenga imbibe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Fariouz agiye gusubira kurenga imbibe

Fariouz agiye gusubira kurenga imbibe

mercredi 3 Nyakanga 2014

Fariouz ariko yitegurira gufata urugendo rumushikana mu gihugu ca Afrika y’epfo mu giteramo c’agakura kigiye kuzoba inyuma y’iminsi mikeyi.

Kiyoyo Juma na Fariouz

Umuhinyanyzi Kiyoyo Juma asanzwe ategura ibiteramo vyo mu makungu vya Fariouz, atubwira ko muri ico giteramo bitegekanijwe ko Fariouz azoba ari wenyene. Kiyoyo Juma avuga ko hari abandi baririmvyi b’Abarundi basanzwe baba muri Afrika y’epfo basavye ko boronswa akanya ko kuririmba bakifadikanya na Fariouz muri ico giteramo, abo nabo ntibaramenyekana.

Igiteramo kizobera i Cape Town kuva igihe c’isaha zibiri z’ijoro ku masaha yo muri co gisagara, mu nzu y’ibiteramo Maitlant Hall.

Narirya hari Abarundi benshi bari muri ico gihugu, ico giteramo c’umurundi mwenewabo kizobaruhura. Tubibutse ko Fariouz yaramaze igihe ariko aserukira ishirahamwe BRARUDI mw’ihiganwa rya Primusic.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.