Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fidele Nsengumukiza yararekuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Fidele Nsengumukiza yararekuwe

Fidele Nsengumukiza yararekuwe

lundi 8 Mukakaro 2013

Fidele Nsengumukiza, umusore w’imbonerakure za CNDD-FDD, yahamagaye mu kiganiro c’ikibiriraho gica ku nsamirizi y’ijwi ry’abanyagihugu RPA, citwa Uterera iki, araheza ashikiriza amajambo yatumye aca ahagarikwa kuri uyo munsi nyene, akaba rero ubu yidegemvya.

Umutumire w’uyo munsi akaba yari Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu. Aho rero mu kiganiro uwo Fidele yavuze amajambo yo gutera ubwoba abanyeporitike bamwe bamwe bagiye mu biganiro i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, aho yavuga ko we hamwe n’abagenzi biwe b’abanyeporitike bagiye gutegura kurwanya amasezerano yashiriweko igikumu i Arusha.

Imigambwe itavuga rumwe na Leta ,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abandi barateye ivyatsi amajambo y’uwo musore w’imbonerakure. Vyaciye bituma umugambwe Cndd Fdd, umugambwe uri ku butegetsi witandukanya n’uwo musore ataco atinya kandi ataco yubaha. Imisi mike inyuma yaho, yaciye ahamagarwa ku nsamirizi ya RPA kugira yisigure yongere atange umuco kuri ayo majambo yashikirije. Niho rero yaciye afatwa n’umukozi w’igendereza Emmanuel Nsabimana, nawe yigeze kuba umuyobozi w’iyo nsamirizi.

Ubu rero abantu atari bake, baribaza ikizokurikira na rirya uyo musore w’imbonerakure yarekuwe kandi yivugiye ku mugaragaro amajambo atera ubwoba abaroye mu mugambi wo kugarukana amahoro i Arusha.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.