Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FNL: Miburo Manweri yasavye Bigirimana Yakobo gukanura maremare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > FNL: Miburo Manweri yasavye Bigirimana Yakobo gukanura maremare

FNL: Miburo Manweri yasavye Bigirimana Yakobo gukanura maremare

lundi 21 Gitugutu 2013

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’ugutsinda amatora, Yakobo Bigirimana yamenyesheje ko hamwe abanamarimwe bomugena, yobaserukira mu matora yo mu mwaka w’2015.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Yakobo Bigirimana yavuze ko agiye gukorera hamwe n’imigambwe yemewe n’amategeko, mu nzira yo gutunganya igihugu ku gira gishike ku ntwaro rusangi imwe. Kuri ivyo nyene, Bigirimana akaba avuga ko n’imigambwe itaberekwa, nayo nyene agiye gukora ukwo ashoboye kugira baje hamwe, bafashanye gukorera igihugu, na cane cane ko muri iki gihe ariwe azoca arongora imigambwe itavuga rumwe na Leta.

Ku kibazo c’ukwo Miburo Manweri inyuma y’amatora yaciye ashikiriza ijambo abari ngaho ry’uwatsinzwe, vyerekana ko yoba yari yaje yiteguriye gutsindwa, Yakobo Bigirimana we avuga ko atamanyanga yigeze akoreshwa mu gutunganya ayo matora, bisigura y’ukwo yoba yaje yiteguriye gutsinda n’ugutsindwa. Yakobo Bigirimana avuga ko naho we atigeze ategura ijambo ry’ugutsinda, canke ry’ugutsindwa, ivyari ku mushikira vyose atari kubura ico avuga, nk’uko no mu gihe yari ahejeje gutsinda, atabuze ico abarira abanamarimwe bo mu mugambwe FNL ishami agiye ku rongora, ndetse ishami ryemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ariko kandi twobamenyesha ko mw’ijambo ryiwe ryo gukenguruka, Miburo Manweri, yashimiye abo bakoranye akiri umukuru w’umugambwe, ahereye ku munyamabanga wiwe mukuru gushika ku banamarimwe bose, arashima n’ukwo bamuneguye maze bakabimwereka muri ayo matora, mu kumwima amajwi. Miburo kandi, yahanuye Bigirimana, amusaba ko yokanura maremare, kugira igishitsi yatsitayeko, ntikize kimuhitane, ngo abanamarimwe bamushimire mu kumwima amajwi mu matora azokurikira inyuma y’imyaka 3 nk’uko babimweretse.


Aristide Nizigire

Messages

  • IVYO BISUMA VYIVYE AGATHO NIBABOGOZWE BEMERE BIYUNGE NA CNDD FDD HAKIRI UBURYO UBUNDI BWO BAZOBONA IBARA MU BIHE ATARIBI INTWARO ZIHINDUTSE . NSABE IKIBIRI NTIBAKIRE ICO KIBURIRANE NABURE KUTADUGA ITORA KWAHA ICAYI CANKE KURAGIRA INKA FNL IRAFISE BENE YO

  • Manweri Yoba Ari Mubategura Intambara?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.