Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikinyamakuru Charlie Hebdo kigiye gusohora inomero ya Mahomet ariko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ikinyamakuru Charlie Hebdo kigiye gusohora inomero ya Mahomet ariko (...)

Ikinyamakuru Charlie Hebdo kigiye gusohora inomero ya Mahomet ariko ararira

mardi 13 Nzero 2015

Inyuma y’aho ikigo gikoreramwo ikinyamakuru Charlie Hebdo giterewe n’abahungu ba Kouachi, abamenyeshamakuru bacitse kw’icumu biteguriye gusohora ikinyamakuru cerekana Mahomet ariko arizwa n’ivyashitse.

Ibinyamakuru bigera ku bihumbi bitatu bikaba arivyo bizosohoka kuri uyu wa gatatu, biriko igicapo c’intumwa y’Imana Mahomet, ariko ararizwa n’ivyashikiye abo bamenyeshamakuru. Kuri ico gicapo, Mahomet akaba afise igicapo canditseko :’’ Ndi Charlie’’. Ico kigo gikoreramwo abo bamenyeshamakuru, kikaba caratewe kuri uyu wa 7 Nzero hagandagurirwa abantu 12 harimwo abamenyeshamakuru 10, bishwe n’abihevyi b’abadjihadistes bava mu nda imwe Cherif na Said Kouachi, aho barashe bakoresheje inkoho ya kalachnikov, bavuga ko bariko barahorera Mohamed.

Kuri ico kinyamakuru kizosohoka kuri uyu wa gatatu, ivyo bicapo bikaba vyabonywe bitarasohoka kuri uyu wa 12, Mahomet arembejwe n’amosozi y’ivyashikiye ikinyamakuru Charlie Hebdo . Ico kinyamakuru rero kikazosohoka mu ndimi 25, ndetse kikazodandazwa no mu bihugu bitandukanye.

Mukamenya ko mu gihugu c’Ubufaransa kuva aho ico kinyamakuru giterewe, umukuruw’ico gihugu yaciye afata ingingo yo gukura abasirikare mu makambi kugira baje gucungera umutekano w’abanyagihugu. Ibihumbi 10 vy’abasirikare bakaba bagiye kuziyongera kuri 5 vyari vyamaze gusohoka kugira abighevyi ntibasubire kuronka aho bamenera.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.