Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Francis Ngaruko rimwe mu mazina atatu yoba ari ku meza y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Francis Ngaruko rimwe mu mazina atatu yoba ari ku meza y’umukuru (...)

Francis Ngaruko rimwe mu mazina atatu yoba ari ku meza y’umukuru w’igihugu

jeudi 13 Ruhuhuma 2014

Urutonde rw’amazina rwoba arirwo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yoba ahava akuramwo uwosubirira Bernard Busokoza aherutse kubogozwa mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ruratanguye kumenyekana.

Urwo rutonde bivugwa ko rugizwe n’abagabo batatu, Francis Ngaruko, Nkezabahizi Tharcisse na Prosper Bazompora. Urwo rutonde bikavugwa ko rwatanzwe na UPRONA irongowe na Concilia Nibigira, iyo nayo ikaba ariyo ishigikiwe n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, ariko kandi abarongoye iyo UPRONA bakaba bakaba bari mu bihano vy’umugambwe.

Inyuma y’aho Willy Nyamitwe icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyeshereje ko bakiranye impundu amazina yatanzwe na UPRONA, ntamwanya munini waheze, iyo mpundu itiginywe n’umupfasoni Concilia Nibigira, kuko ivyo yari yasavye nawe yaciye abironswa. Tukabibutsa ko uyo mupfasoni yaheruka kwandika ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yisabira uburongozi bwa UPRONA. Ubwo burongozi rero, Edouard Nduwimana, akaba yaraye abumukomoreye n’aho abari ku Mugumya bo, babandanya imyiteguro yo gutanga amazina y’aboja mu nzego nkuru z’igihugu

Mu mugambwe UPRONA urongowe n’umurwi wa Varisito Ngayimpenda co kijmwe n’umushingamateka Karori Nditije, bavuga ko ayo mazina atagiye guserukira umugambwe wa Rwagasore, ko agiye kwiserukira n’uguserukire abayarungitse. Batangazwa n’ingene Concilia Nibigira yahagaritswe mu mugambwe amezi atandatu, yoba ariwe atanga ayo mazina, mu gihe nawe nyene yiyemerera ko ari mu bihano. Abo badasigana bamenyesha ko bagiye kuzotanga ayo mazina yabazoja muri izo nzego, inyuma y’ikoraniro ryo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16 Ruhuhuma namba urwo rutonde ruzokwakirwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uwo mugabo agokeye ikihugu iwabo atavyo bigeze bagira. Inda ndende ihumira indya. Genda gutega amashi aba DD. Niho amahano aguma arwa ku gihugu cacu. Twahora tubona Concilie Nibigira ari gusenga tukagira ni umupfasoni w’ijambo none n’umuhemu mubandi, murarya ni muduheko, muzotembana n’abo ba dd banyu.

  • BENE DATA UBURONGOZI BWA NKURUNZIZA NURUHINZA NTIVYORUGENDERA UKO BIMUGENDERA. MBE YARIZE NIMBA YARIZE NTABWENGE BWUBUVUKANO AFISE AFISE UBUTERANO BWO MWISHURE YATEWE MWO NABARIMU ESE AHO NTIYOBIVAMWO AKAREKA GUSAMBURA IMIGAMBWE. EWE AZOHAVA ABURA NUMUHA AMAZI .AMATONGO ,AMATORA, IMVURA ,KWICA ,GUSAHURA ,GUSENGA, ivyo ntahombifatanywa NKURUNZIZA WEEEE!,!,!!!!,,,!, umve AZOMARAMAZA IZO NDYADYA ZINYEGETEZA MWISHENGERO KUBOREGWA (GUKORA BIRYA NAVUZE AHO HARUGURU) NO GUSENGA BARASENGA

  • Ariko ivyo bintu leta yuburundi iriko igira ntibona ko igihugu kigiye gusubira mwihumbi?nibabigire akari inyuma karahinda.

  • Ivyo bibaye, koba ari ugusara! Mbega Concilie ahabwa umugambwe na Nduwimana? Nibavugeko democratie yafuswe mugihugu.

  • Ibintu numva bikomeye muri uprona!nonenka hamwe botora icegera c’umukuruw’igihugu mwabo BA konsiliya bica bigenda gute?je mbona ko umukuru w’igihugu nkurunziza yoreka umugambwe uprona ukitunganya neza bakarindira dimanche bakaronswa ayo Mazina bakareka kwihatira kwayo Mazina yatanzwe na concilie kuko UWo yahagaritswe mu mu mugambwe,reta iriko irisamburirako nk’impene!kuko concilie nta mu uprona numwe aserukira muriki gihe.

  • Mbe umukuru w’igihugu arashigikiye indyane mu gihugu arongoye?Yemwe yemwe aho ntasoni?Biteye ubwoba n’agahinda .Ariko bitonde kuko ngo umanika. Agatu. Wicaye mukukamanura ugahaguruka!Jew ndasigwa ubwenge iyo nsoma nkongera nkumviriza ibiba m’uburundi.Ibindi buhugu bihanzwe nuko vyotuza inzara hama iterambere rikaboneka none natwe indyane ntizihera ugasanga abarongoye igihugu aribo bazitera ?Barundi barundikazi dutse ubwenge. Burya ngo uguhora ni ukw’Imana

  • Ngaho rero Uprona ibaye nka FNL na UPD aho hariho amashami yemewe na Leta nayandi nyagupfa, ariko se UPRONA ko nzi igizwe nibihangange muvya politique ntago babona ko ivyo bizobashikira hageze kubibazo biraba ABATUTSI nka CNTB, Ibwirizwa nshingiro, Amatora,n’ibindi ubona ko badashima kuvuga? Naho mwari mwerekanye ko muri umwe nka 1993, mukerekana kandi ubutwari bwanyu mukuva muri Leta, murasubiye guta igihugu mwihumbi nka 1993. Reka babanyare usanga vyabijumbu mwakurikira vyaheze, kuki mutahamvya abandi muri 2010 hakubata murudubi, ubu ntikiba caratoye inyishu kera. Mbabajwe nabo musuka. Reka bagitware mwakibahaye kera aho Marie Kadege yakubitwa nkinzoka ntimuve kunyo zabo. Ngaho rero kenyura twogorore.

  • Nkurunziza ni arindire, ariko agume abandanya kwakira ayo mazina y’abadasigana avuye mu mpande zose. Ko Nibigira Concilie yamaze gutang’abiwe, ni barindire ayandi mazina avuye mu zindi mpande z’iyita UPRONA, Nditije Charles na Evariste Ngayimpenda. Nta kamaro ko kwihuta. N’aho Onésime Nduwimana avuga ko ata ngorane zihari hagati ya CNDD-FDD na UPRONA, biragaragara ko badacana uwaka. Mugabo ni ukumutegera kuko benegihugu twipfuz’amahoro; ntitugomba kumva ayo mafuti n’umukwegano vya minsi yose. Imbere ko Leta ishikiriza amazina yagomwe n’Umukuru w’igihugu, ni vyiza ko Nkurunziza Pierre canke ombusman Rukara Muhammed akoranya ayo mashami ya UPRONA kugire bumvikane mu kuba umwe boye gucanacanamwo.

  • None ko twebwe abatutsi bitunaniye kandi tukaba twari twaracinyije abahutu ashaka bagumizeho abakoze ihonyabwenge ryabana babahutu?jewe hamwe ndabatahura ico nasaba nuko twobana neza tukubaka igihugu.sinumva ukuntu umuntu yakereye Ndadaye bomwemera kuba icegera cumukuru wigihugu.nimushire hamwe twumvikane na concille twebwe abatutsi bino vyose nitwe turi kuvyitera.murantunge

  • Umenga ni intambo ya zouk, politike y´uburundi..

  • Na je ndamaze gukora urutonde rw’abo nipfuza ko boba icegeca ca mbere c’umukuru w’igihugu kuko ndabona ko petero atawe agaya numwe, donc upfa kuzana liste igizwe na batatu ubuti ukarindira. hahahahaha

  • abazi neza petero bemezako no mw’ishamba yaguma ahindura ibintu bigatuma hapfa abasoda badaharurika, none abizanye no muri politique??? Jewe ndavye neza ndabona umenga arashaka umwanya uhagije ubundi ace akora GENECIDE-TUTSI. izo ncabwenge zose za UPRONA nizo azatangurirako il s’agit de: BUSOKOZA,NDITIJE,GASUTWA. urugero n’uko adashaka kumva uruhande rwa Uprona ya Nditije.. ARIKO RERO UTI SUBIZA AMERWE MW’ISAHO KUKO AMAKUNGU ARIKO ARABIKURIKIRANA BUKE BUKE

  • Erega yaba Umukuru wigihugu,canke Ministr de L, Interieur,Bakomeza kwiyobagiza,ko Uyo mudamu Consilie Nibigira ari mu gihano cuyo mugambwe wiwe,kandi ko ubu ata burenganzira afise bwo kwitoza canke gukora ikintu na kimwe mu mugambwe,igihano arimwo kitarangiye,Igitangaje nuko Ministre de l,Interieur wokwibaza ko atazi ko Umugambwe uwariwo wose ufise amategeko yawo ngenderwako,kandi nta muntu numwe yemerewe kuvayanga amategeko y,umugambwe adakomokamwo naho yoba Ministre wa Interiur canke perezida.

  • Ahubwo nibifatanye na Concillie sinon leur tempsa sonner. Amaraso basheshe ariko arabahumira. Barashobora gukurikira Rwasa meme s’il a des membres toujopurs fideles a lui. Mais personellement narabahariye ahubwo nifuza ko bokomera bakubaka uburundi aho kubusambura. Sinifuzako bacanamwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.