Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FRODEBU Nyakuri : Edouard Nduwimana yashatse gushimisha uwamushize muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > FRODEBU Nyakuri : Edouard Nduwimana yashatse gushimisha uwamushize muri (...)

FRODEBU Nyakuri : Edouard Nduwimana yashatse gushimisha uwamushize muri Reta

mercredi 26 Ntwarante 2014

Mu kuvuga ko abashaka guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu boshira mu mutwe ko bazohiganwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yoba yashatse gushimisha uwamushize muri Reta. Ku ruhande rw’umugambwe CNDD FDD n’uruhande rw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, nta n’umwe yemera ko yamutumye kubishikiriza.

Mu nama yahuje umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’abarongoye amashengero atandukanye ku munsi wa mbere, Edouard Nduwimana yarahebuje abahora bavuga ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’umugambwe CNDD FDD batorenga ku masezerano y’i Arusha. Muri iyo nama, umushikiranganji Edouard Nduwimana yamenyesheje ko Petero Nkurunziza ariko atwara mu kiringo ca mbere, ari naco gituma asigaranye ikindi kiringo. Nk’uko Edouard Nduwimana yabisiguye, sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro niyo yonyene izovuga namba ukwitoza kwa Petero Nkurunziza kutubahirije amategeko.

Abanyeporitike bumvise iyo mvugo baratangajwe n’ukwitanganiza kwa Edouard Nduwimana ku kibazo kitari rwiwe. Bati : "Yoba ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu? Canke niwe avugira umugambwe CNDD FDD ko ariwo uzovuga uwo wagenye kuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu? Yoba avugira sentare yubahirizwa ibwirizwa shingiro ko nayo nyene itarabazwa ibijanye n’ico amategeko avuga ku kwitoza kwa Nkurunziza?"

Muganga Yohani Minani arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri amenyesha ko mu kwishura ku kibaza bitaraba ubushikiranganji arongoye, umushikiranganji Edouard Nduwimana yashatse gushimisha n’ukwitonesha kuwamushize muri Reta.


Egide Nduwimana

Messages

  • Yarashyanutse Nduwimana. Tumwite inshanutsi (avuga ibitamuraba).

  • jewe sinza ndababwira ko nduwimana yasaze ngo nivyanje ni kub,dd bose.namba vyukuri petero na cnd-fdd batamutumye?abandanyakoramakosa barabahe?baramutumye bose banya yasa

  • Mutama Minani ivyo Nduwimana yavuze sinera ko ariciyumviro ciwe gusa karamucorotse arabivuga hataragera kuko muvyo akora birabigaragaza neza ko ariko ategura terrain.Canke bamurabe neza ko ataruguta mu mitego LETA_HUTU baronke ibiyicafuza mu makungu.N’amakenga mfise kuko ivyo akora kenshi biza induru sinzi ko ar’urukundo rwa cane akunda cndd fdd mugabo urwo atarafise muri 93_2013 biragoye kurutahura.muzoba mumbwira

  • MINISTRE W’IKIJUJU,UMUBESHI,UMWANGUSHI,UMUSUMA,NTIYAREZWE,NTADUSONI AGIFISE KUMASO.ABA DD BADASHAKA GUSUZUGURWA MUMVUGO INYOBOSHIKIRIJE BABITUMA UWUTAGIRA UMUGAYO NAWE NI NDUWIMANA KOKO BAZI NEZA KO IMVUGO YIWE ARIYABUNGERE NABO NYENE BAKERA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.