Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Furera Emmanuel : Ishingwa ry’umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Furera Emmanuel : Ishingwa ry’umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira (...)

Furera Emmanuel : Ishingwa ry’umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira ryokwitonderwa

jeudi 5 Nyakanga 2013

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme), Furera Emmanuel Ntakarutimana asaba abashingamateka n’abakenguzamateka kuzokwitondera ibijanye n’ishingwa ry’umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira.

N’uko umukuru w’igihugu yasubiriye kuvyemera mw’ijambo ryiwe, aho yariko ahimbaza imyaka itatu iheze ari ku butegetsi ku kiringo ca kabiri, umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira vyitezwe ko uyu mwaka turimwo uhera wamaze kujaho. « Umugambi wo kunywanisha abarundi urabandanya, tukaba turiko turitegurira gushiraho wa mugwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira, integuro y’ibwirizwa riwugenga ikaba imaze gushika mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ngo zirinonosore, ziryunganire, hanyuma ziryemeze. Tukizera ko, turavye aho imyiteguro yo kuryemeza igeze, bishoboka ko muri uwu mwaka nyene w’2013 uhera ryatowe ; uwo mugambi ukaba ariwo usozera urugendo rwo gushira mu ngiro umugambi w’amahoro mu Burundi, twasezeranye mu biganiro vy’amahoro no guhagarika intambara. »

Yisunze uko integuro y’itegeko rizogenga uwo murwi rimeze, Furera Emmanuel Ntakarutimana, mu kiganiro caciye ku mboneshakure y’igihugu ku munsi w’ejo, arakebura abashingamateka n’abakenguzamateka kuzohagabira kugira ibikorwa vy’uwo murwi ntibipfire mu ntango. Mu gihe mu nteguro y’iryo tegeko bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu azotanga amazina y’abogira uwo murwi, abashingamateka nabo bakayiga, Furera Emmanuel amenyesha ko bigoye ingene abo bashingamateka canke abakenguzamateka bokwanka amazina yaje ava hejuru (ku rwego rw’umukuru w’igihugu).

Furera Emmanuel Ntakarutimana amenyesha kandi ko abashingamateka n’abakenguzamateka nibashira imbere ukunganisha imigambwe ( équilibre politique) mu guhitamwo amazina y’abagira uwo murwi bitazokworohereza ibikorwa vyawo kuko hari abazoca bashira imbere inyungu za politike, kandi igikorwa cabo cari ico kumenyesha ukuri, hamwe n’ukunywanisha abarundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.