Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gabon : Umushikiranganji atemera ivyavuye mu matora yatanze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gabon : Umushikiranganji atemera ivyavuye mu matora yatanze (...)

Gabon : Umushikiranganji atemera ivyavuye mu matora yatanze imihoho

mardi 6 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu ntumbero y’ukwerekana ko atemera ivyavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu muri Gabon, aho umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora watangaje ko umukuru w’igihugu Ali Bongo ariwe yatahukanye intsinzi, umushikiranganji w’ubutungane, Seraphim Moundounga, yahisemwo gutanga imihoho muri Reta.

Imbere y’uko afata ingingo y’ugutanga imihohoho, umushikiranganji Moundounga yoba yari yarabanje kubwira umukuru w’igihugu Ali Bongo ko nibatemera gutangaza ukuri kw’ivyavuye mu matora, bizotesha agaciro igihugu. Seraphim Moundounga niwe muyobozi wa mbere mu nzego zo hejuru muri Gabon atanze imihoho kubera ivyavuye mu matora yazanye intureka muri Gabon, imyiyerekano hamwe n’imishamirano hagati y’abayboka umukuru w’igihugu Ali Bongo, hamwe n’aba Jean Ping avuga ko amatora yibwe.

JPEG - 23.5 ko
Seraphim Moundounga, umushikiranganji w’ubutungane muri Gabon yatanze imihoho

Ubuyobozi bwa Gabon buvuga ko abantu batatu aribo bapfuye, abagera ku 105 barakomerekera mu mvururu n’itabwa muri yompi vyakurikiye itangazwa ry’amajwi. Aho ni mu gihe abagera ku majana umunani bamaze gutabwa muri yompi, abandi batamenyekana igitigiri baburirwa irengero.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora watangaje ko umukuru w’igihugu Ali Bongo ariwe yatsinze amatora ku majwi 49.8 kw’ijana, mu gihe Jean Ping nawe yatahukanye ibice 48.2 kw’ijana.


IGIHE

Messages

  • Raba umugabo ureke baba DD bica abanyagihugu,i Libreville guhera Dimanche passé hamaze gufatwa Imbonerakure from Burundi zigera kuri 20

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.