Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ʺUPRONA ntizokwitaba ibiganiro bitunganijwe na Abdoulaye Bathily imbere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ʺUPRONA ntizokwitaba ibiganiro bitunganijwe na Abdoulaye Bathily imbere (...)

ʺUPRONA ntizokwitaba ibiganiro bitunganijwe na Abdoulaye Bathily imbere y’amatoraʺ

mardi 23 Ruheshi 2015

Umugambwe UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,umenyesha ko udashobora kwitaba inama canke ibiganiro bizotunganywa na Abdoulaye Bathily umuhuza mushasha mu matati y’aburundi.

Umunyabanga mukuru w’umugambwe UPRONA Gaston Sindimwo,avuga ko Abdoulaye Bathily atari umuhuza mu matati y’abarundi ariko ko ari intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU kandi aje kubasamaza.

Gaston Sindimwo avuga ko uwo mugambwe uzokwitaba ivyo biganiro inyuma y’amatora,kuko ubu kwitaba ibiganiro ari uguta umwanya,mu gihe imyiteguro y’amatora ariyo ibaraje ishinga.Nayo umuhuza mushasha ashobora kubasanga ku mugumya,mu gihe yobakenera.

Amakuru dukesha iradiyo y’igihugu amenyesha ko n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD nawo utazokwitaba ibiganiro canke inama yose izotunganywa n’intumwa nshasha y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihe amatora yoba atarahera.

Mwomenya ko ibiganiro hagati y’aberwa n’ikibazo c’Uburundi bitegekanijwe gutangura kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi,nkuko vyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika.


Van Naris Mugisha

Messages

  • hhhhhhhaaaaaaaaa yewe burundi uwagusiga irangi

  • mwebwe muri uprona ntitubazi atari ubukunzi bwinda bubagenza gusa mwebwe ntanijwi narimwe muzoronka kuko umugambwe mwarawuneyeko mbe mwebwe uprona yakera murayizi ahubwo mwebwe muribirofa kuko ntimwari kuvugango ntimwitaba inama nabari kubutegetsi ataco barabivugako bibonekeko muriko murabacako amanota bazobaha menshi muzopfuko.

  • GASITONI WE Nta kindi cari kukuvamwo, tuzobaruka mu misi ,,wewe rindira gusa

  • mbega uwo gaston avuga iki? yibaza ko hari ikintu kinini bamaze be na conciliya?burakeye umugambwe usubizwe banyenewo

  • Mana Yanje.Ababantu Tubitengwiki?Nakamaramaza.Amakungu Nabirabe Yamara Umwanyuhari Sinumvakoharico Bazoshobora.

  • Abo bos bavyanka ni abafis ubwoba bw’ihiganwa rya benshi babona ko ibganiro bibay amatora akitabwa na bos ataco bohanoba bagomba bayabahbre nk’ayamber mugabo ntibshoboka

  • Birakomeye cane none uwo muhuza ajegukora iki mugihe cndd itemera ibiganiro icombona nuko amakungu yofata ingingo

  • UKWO NUKWANKA AMAHORO BOMANUZA IRYANZUYAWE IBOMBE WOVUGA KATARIWEWE WABITAMITSE UGUTWIKWIHENE KWUMVA KUBABUYE

  • Ariko amakungu yananiwe nugufata ingingo z-boneka kugihugu c’uburundi? Ayo matora ntayaziba mumutekano uko ndabibona. Emwe reka turabe uko bizogenda

  • Ibivuzw na CNDDFDD ndabiha agaciro ka politique ndavye n’ingene ihagaze mugihugu.Uwo nawe ntiyari kuvuga gutyo atumviseko mukuruwe dd yatanze intumbero kuko nta nguvu vyari kuba bifise.mbe IYO ONU isaba ibiganiro kuvyamatora KURUNDI RUHANDE BAKARUNGIKA ABAKURIKIRANA AMATORA wumva itemejeko amatora ateguwe neza.emw ivyabo ni urudubi

  • Mbega Gaston hewe Abarundi turakuzi y’uko urondera inyugu ziwawe ugire mu ba DD na handi umugambwe UPRONA ufinse Nditije mbega wowe na Consillia turanzi y’uko babahaye amahera ngo musambure umugambwe Uprona

  • uprodd turayizi.uwo mukuvuga aradedemba nimumureke,il est aphasique,ses idées semblent noséabondes.

  • NTIBITANGAJE KUVUGA GURYO YOBURA UMWANA WIWE YISHW AZIRA KUTAGANIRA NABANDI NIHO YOMENYA KUGANIRA KO ARIVYIZA

  • Komera ipronayacu rwagasore ntiyigezeyemera intwarozahotoro yamywagwanya abasuma nabambuzi tsindamatora uhuze abansi bamahoro nayabadusamazabo bamenyeko twabahinyuye

  • Komera ipronayacu rwagasore ntiyigezeyemera intwarozahotoro yamywagwanya abasuma nabambuzi tsindamatora uhuze abansi bamahoro nayabadusamazabo bamenyeko twabahinyuye

  • Komera ipronayacu rwagasore ntiyigezeyemera intwarozahotoro yamywagwanya abasuma nabambuzi tsindamatora uhuze abansi bamahoro nayabadusamazabo bamenyeko twabahinyuye

  • Ivyo biganiro vyo kudutesha umwanya vyararangiye!! Abashaka ibiganiro baricara babigire natwe twigumire ku mirimo

  • Mugabo uyumugabo ivyavuze birumvikana, kuko amatora asigaje imisi idashika a week bagiyerero murivyovyibiganiro ntahovyobabitandukaniye nokubangamira amatora, nicogituna iciyumvirociwe cokuvugako ivyobiganiro vyozobandanya nyumayamatora cumvikana arikomuntu ashakako amatora atoba niweyovugako ibivyibiganiro kubivanga namatora atangorane.

  • Ntibazitaba??None batitavye AMIB yoba yaje gukora iki?Yaje kwumvikanisha nde na nde??Mana ushobora vyose,dutabare!Aho rero n’ukuvuga qu’ils ne sont pas les bienvenus,mvuga izo ntumwa zidasanzwe zar zij kwumvikanisha!Ivya Nyaburunga tubitege amaso pe!N’ibiganiro navyo??

  • Uprona na Cndd-fdd ntibashobora kwitaba ibiganiro kuko ntibashaka amatora meza kandi baramaze gutegura kuyiba.

  • nkurunziza gaston eduard nyabenda gerase nyabitwe nabasa nabo canke ababakomokako bose ntimuziko indimi zabo zibiba amacakubira kandi zicira umuriro! ntimukwiyeko ivyabo mubigirako commantaire kuko ntakamaro

  • ABO TURABAZI BARIKUMWE NABA DD NONE GAYEMWE AYOMATORA ATEMEWE NIMIGAMBWE YOSE AZOBAMATORA YABA.DD GUSA? EREGA UPLON NA EFNR YAJAKE NABA.DD IVYO BIRAZWI NON ABOBANTU BAGARARIJE NIBIHUGU BIBANYI MWUMVA BASHAKIRAMAHORABARUNDI? EWE PITA HAMAHORABARUNDI IVYOWAROSE BIRAMAZE KUKO WW IMANA IZOGUHANA KUKO UVUGANGO URUMUSENZI UMUSENZI NUWUMVIMPANURO

  • Ibiganiro vyabuze ishingiro umwanya ugikwiye none ubu niho bigiye gudutesha umwanya?nibareke dutore ivyobazobura bazobibaza hageze.

  • Umushumba Yatanze Nyene Inka Gupfa.Plus Catholique Que Le Pape On Mert.

  • ndashimye ivyo reta na UPRONA bagize, nibarwanire ukwikukira k’uburundi. none ko uwambere opposition yo yamwanse nabo uwo agira kabiri nabo nibamwihoze,maze igitsindo kibe kimwe kuri kimwe. utabishaka yinjire ikibira. gusa mbona ONU irimo gusamaza abarundi.

  • akagaye ka nkurunziza na DD yiwe,,kararengeje agaya abarundi ,agaya EAC, agaya UA, agaya UE, agaya ONU,,,,ubu hoho yayiciye umurya mu kwanka kwitaba ibiganira ,,, i bujumbura,,, nukuri amakungu natikura ako kagaye ka Nkurunziza nayo nyeneze azoba yisunzuguje,,,,

  • ntakundi abatavuga rumwe nareta nabo baratugiriy nabi!imyiyerkano itaratangur bavuga ko manda ya3 batazoyiganirako ubu twabuz abana bacu bemey kuganira?iyo baganir kar ubu ntibiba vyarahz?barab ntibadusubiz muntambar naho ntakint kinini boba badufashi kubra nyarucari niw agira ingoran

  • Ibiganiro opoosition niyo yabyanze mbere yanga umuhuza wari uhari. Ubu rero naho nibitabe amatora babone 1/100 cg kagame ubashyigikiye akomeze abahate ibigori.

  • Sans la participation gouvernementale au dialogue aboutissant au consensus sur le calendrier électoral, je suis d’avis qu’il ne reste que deux moyens pacifiques pour empêcher ce forcing électoral prévu pour le 29 juin 2015 :
    Premier moyen : tous les partis politiques font les actions de résistance pacifiques suivantes : - 1) A partir du 27 juin 2015, manifester pacifiquement devant tous les 3200 bureaux de vote de la CENI situés sur tout le territoire national, - 2) A partir du 28 juin 2015, manifester en se couchant au milieu de toutes les routes (petites et grandes) et aussi couper des millions d’arbres au travers de toutes les routes du pays (petites et grandes) pour empêcher la circulation des véhicules de la CENI.
    Deuxième moyen : Si la première voie n’est pas adoptée, alors il faudrait que tous les partis politiques de l’opposition participent massivement aux élections du 29 juin 2015 pour obtenir ne fut-ce qu’une minorité de blocage au parlement.
    Si ces actions deux voies pacifiques ne sont pas faites, alors nous vivrons la conséquence de subir pendant cinq ans une législature monocolore d’un seul parti politique. Ce serait dommage mais ce n’est pas la fin du monde car cela existe aussi au Rwanda et en Ethiopie. A moins d’un dernier sursaut de sauvetage par le prochain Sommet des Chefs d’Etat de l’EAC prévu pour le 29 juin 2015, s’ils décident de faire reculer le calendrier électoral : mais sera-t-il alors trop tard ?
    Je dois préciser que, personnellement, je suis moralement et par principe, contre toute tentative de putsch, de rébellion armée et d’usage des armes àfeu.

  • mutama bathily iganukire muvyeyi namahoro,bagutinye kuko wariwizewe nabarundi nkabose!!izi ntahanurwa za nkuru na konsiriya zizokumvirayo,ihora ihoze!!!agasozi kintahanurwa kahiye abagabo basemerera.

  • emma
    yemwe barundi murabe ntimujanwe nyabahururu, ngo muhendwe musibe amatora ngonibiganiro, oya ibiganiro nivyinyuma yamatora. Iyobashaka ibiganiro biba vyaraheze kera, kobashaka intambara rero nibaje kurubuga turabe! uwanka amatora numwasi wuburu

  • nimureke amatora abe kuko opposition aho gutegura amatora yateguye transition,none bitanguye kubayobera hageze, gusa muzobishuze uvyononekaye mumigumuko vyose, baraduhendeye abana kabisa.

  • Ni mufashanye guteka inkono y’ikibi ku barundi ariko Imana iratubona. Ivyo bigarako ubwa mbere umuhuza koko yari ahengamye. Jewe mbona abize ivyigwa bimwe bimwe bijanye hanini n’amatati akazi kabo karatanguye sinon ibi bintu bigira bidusubize mu ntambara n’iyindi itarahera. Uwabonye kuva 1993 vyatanguye uku kandi babikengera." ukengera so wanyu akakwabirana nyoko". Twebwe aba bose nta Burundi bushasha tubitezeko kiretseko bagiye bakwirikiranya ubutegetsi bwo gusambura igihugu cacu arico gituma bagize mariage CNDD-FDD@UPRONA yo kwanka umuhuza banezerwe n’abantu baguma bapfa gusa.

  • ewe pascal sha uracafise vya vyiyumviro vyo gusambura amabarabara nukwonona ibidukukije! amatora azoba; niyahera, tuzoca twicara tuganire. komera mwabagabo dd, upro na fnl mwanze gutwarwa nabo mutitoreye, nakare bobaturiza ampneux. uyo muhuza azoze gucugera ukwamatora ariko aragenda.

  • Mbe Gaston aho ntasoni wumva? Uraja ngaho ukarekura amabinga ng’uvugira abaporona?
    N’ice ingero kuba cnddfdd nayo abaporona bari n’iyo bari!

  • Mana ndatangajwe nabantu!!aho Gaston azovuga ko yavugira aba uproniste???Rwagasore muhemukiye muzobizira.

  • Mbe Gaston haraho wicara ukiyumvira kazoza kurya mwana wawe? Ico gihugu uriko uturira n’abanyagihugu!! Ntasoni wumva!!!!!Reka gukinisha ubuzima bwa benewanyu bene burundi!!Mbega uribuka iyo Arusha ahoyagukuye mwe nabo boose bayiteye akagere?Mbega uribuka abana bapfuye mugihe Arusha itari bwa tuvyarire urukiza, inkinzo?? Gaston ay’amaronko yumunsi umwe, ahuriyehe nayimyaka yose??? Iyumvire kazoza kUburundi!!Ivyo muriko muronka mumaraso yabene wanyu (beneburundi) ejo bizoguhindukira AMASHIRA kandi umenyeko uzoyanywa!!!!!
    Bamwe bagabura ashushe canke akanye ubu muriko musangira amaraso n’inyama zinzirakarengane !! Gotomera wongere urokagize !! Ejo muzosubiranamwo kazoza karabarindiye !!!!!!

  • NONE GA GASTON KO LETA YEMEYE KUJA MU BIGANIRO, WARAMAZE KUVUGA KO MUTAZOGENDA URIVUGURUZA? KO UBU UVUGIRA UPRODD

  • Mbe Gaston dd itatowe ngo imuhe ivyo ashaka azojahe?

  • Hariho ubugabo bwi nzavyi none uwo yarekuy umuzuru ngo numuprona kadi twes tumuzi ko ari imbonerakur

  • Hariho ubugabo bwi nzavyi none uwo yarekuy umuzuru ngo numuprona kadi twes tumuzi ko ari imbonerakur

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.