Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Général Kayumba yatewe mu rugo iwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Général Kayumba yatewe mu rugo iwe

Général Kayumba yatewe mu rugo iwe

mercredi 5 Ntwarante 2014

Général Kayumba Nyamwasa yahoze ari umukuru w’igisirikare mu gihugu c’Urwanda mu nyuma agahungira mu gihugu ca Afrika y’Epfo, avuga ko yatewe muhira iwe ku murango n’abantu bitwaje inkoho, ariko Imana ikaba yarakinze.

Amakuru dukesha BBC Gahuzamiryango, avuga ko abo bantu binjiye mu rugo iwe, barinjira mu nzu, baramena ibintu vyose, ndetse basiga bamutwaye n’ivyuma vy’inyabwonko. Ayo makuru akaba abandanya amenyesha ko Kayumba Nyamwasa yoba yagiriza Reta y’Urwanda kuba iri inyuma y’ico gitero. Kuri ivyo birego, uwuserukira igihugu c’Urwanda aho muri Afrika y’Epfo, yanse kugira ico ashikirije, we agasaba Kayumba Nyamwasa kwitura ubutungane.

Igiporisi c’i Johanesbourg cemeye ko ico gitero cabaye. Ico giporisi kimenyesha ko kugeza ubu, aho Kayumba Nyamwasa ari acungerewe umutekano, co kimwe n’umuryango wiwe. Ivyo bikaba bije bikurikira, urupfu rwa Patrick Karegeya yishwe muri Nzero, uyo nawe akaba yari yahoze ajejwe igendereza mu gihugu c’Urwanda, inyuma yo guhungira muri Afrika y’Epfo.


IGIHE

Messages

  • Emwe Ivyo mu Banyarwanda biguma biguma. Reka tubirabishe amaso ariko abazi ko batavuga rumwe n’abandi barakumbura bame bari maso. Kayumba nohanura ko yorondera ubuhungiro mu bihugu vya rutura nayo muri Afurika yepfo ho nabarya bamucunze bazohava barya ruswa bamwiyicire.

  • Emwe Ivyo mu Banyarwanda biguma biguma. Reka tubirabishe amaso ariko abazi ko batavuga rumwe n’abandi barakumbura bame bari maso. Kayumba nohanura ko yorondera ubuhungiro mu bihugu vya rutura nayo muri Afurika yepfo ho nabarya bamucunze bazohava barya ruswa bamwiyicire.

  • Ndabonye ko aba colonel naba general cankenuwariwewese wumusoda ahunze igihugu ciwe akagenda kwibera muma gorofa nomumazumezameza acasuzugurika kandikumwica biroroha gusumba umu colonel canke umu general ndetse numusonda wariwewese uhunga agacayigira mwishamba bacabamutinya. Ariko nubwokubica mvuzeko vyoroshe kubica nibaza kwatariwomuti uramba! abaturanyi ninaba ndabavugiye ibintunabi munyihanganire.

  • Nuko bigenda iyo muri abagenzi atanakimwe ciza mwiyumvira muguheza, murahezanya. maze imana ikazoraga igihugu abagerageza kuyiyegereza. ngaho nabandi nkamwe bumvireho.

  • Iyo utangaje Intambara, uba wemeye kuyirwana. Yatangaje intambara, none rero niyitegure kuyirwana. Ikibazo s’ukuba atuye muri Africa Yepfo, ikibazo nuko yatangaje intambara. Azayirwane rero turebe. Niba uri umunya politike urwanya ubutegyetsi bw’u Rwanda, burwanye muri politike ushingye Ishyaka rya politike, aho nta ngorane. Ariko nutangyira gutera za grenades mu banya gihugu, aho uzaba uri hose, nushaka ube muri America, uzabona ko UMUTEKANO w’u RWANDA uza hejuru na mbere ya byose. Sasa abashaka intambara, muzayibona. Abashaka amahoro, muzayabona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.