Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Giteranyi : Abarongoye UPRONA muri komine na zone Ruzo bari mw’ibohero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Giteranyi : Abarongoye UPRONA muri komine na zone Ruzo bari mw’ibohero

Giteranyi : Abarongoye UPRONA muri komine na zone Ruzo bari mw’ibohero

lundi 26 Rusama 2014

Inyuma y’aho Mariya Minani asanzwe arongoye UPRONA muri zone ruzo afatiwe agatabwa mu mvuto yagirizwa kuba ariwe yoba yaratanze amakuru y’ibirwanisho bifiswe na bamwe mu Mbonerakure kuri radiyo Bonesha FM, umukuru w’uyo mugambwe muri komine nawe ari muri yompi.

Jean Baptiste Niyongabo, umukuru w’umugambwe UPRONA muri komine ya Giteranyi ari mu gasho, aho apfunzwe kuvamu mpera z’iri yinga twaraye duhejeje. N’aho ikimupfunze abo mu muryango iwe batarakimenyeshwa, uyo mwigisha wo muri College ya Komine yoba ariko azira imvo za poritike. Bamwe bakibaza ko ivyavuzwe ku Mbonerakure ko zifise ibirwanisho muri iyo komine bikaba vyoba arivyo bimupfunze.

Mwomenya ko, kuva Mariya Minani atwara UPRONA muri zone ya Ruzo afashwe gapfungwa, hagiye haravugwa ibitari bike, aho ndetse vyavuzwe ko buramatari w’intara ya Muyinga ari kumwe n’uwutwara igiporisi, bagiye gukura uwo mukenyezi aho yari apfungiwe, bamujana kumugurira ivyo afungura ndetse n’akayeri baramuha. Ivyo rero nk’uko amakuru ava i Muyinga abimenyesha, hakaba hoba hariko harategurwa amarementanya yo kwagiriza abamenyeshamakuru n’abandi bantu, ko aribo bategetse uwo mukenyezi kuvuga ivyo yagirizwa kuba yoba yarashikirije kuri Bonesha FM.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uprona niyo yiyimbiye ikinogo none aho ba Ngayimpenda bavugiye ba Sinunguruza ngo tera iyo sema ubu ntibashikiriwe nuko ba Sinunguruza nyene atavyo banezwe!!!!Uprona nihaguruke ibanze yikure mu kwaha kwa dd ..Erega concilie siwe nawe ashaka ubutegetsi none aho aba UFB bagasasiye bakoma amashi bokuki batotwara Uprona!!!! >????

  • nibabahane abantu bagaya nababatwara

  • Uyumwanditsi ngo buramatari numukuru wigi polisi ngobagiye kugurira uwomugore afunzwe Maria Minani ivyafungura nibinyobwa muntumbero yokugira bamubwire ngwazokwemeze kwabamenyeshamamuru ba Bonesha FM aribo bamubwiye ngwavuge ivyoyavuze? Ahomurabeshe kuko ayandi matohoza avugako agifatwa wenyene yaravyivugiye kwabobamenyeshamakuru aribobasa nababimwemeza kubivuga murumvarero kwatahobihuriye nuwo muburamatari,mbese nukuberiki mworoherwa burigihe kwambika ibara abategetsi barongoye inzego za reta!? jewe nibwobwambere mbona abantu bakorera ahabona mugihugu bishiramwo kwama barementanirije abategetsi bigihugu cabo! Burya murabona icokivi muzoteba mugishikana?

  • ndagomba mbaze abantu bakunda kugira ico bavuze ku nkuru zo kur ino site igituma umenga bari mu mirwi ishamiranye kndi bagashingwa cane ku makuru ya politike ibindi umenga ntaco bibabwiye?uburundi buracagowe...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.