Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gufasha mu gukingira ikiyaga n’ibinyabuzima biri muri Tanganyika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Gufasha mu gukingira ikiyaga n’ibinyabuzima biri muri Tanganyika

Gufasha mu gukingira ikiyaga n’ibinyabuzima biri muri Tanganyika

jeudi 18 Mukakaro 2013

Ikiyaga Tanganyika kiri mu bintu biri nkenerwa cane ku banyagihugu baba kunkengera z ’ico kiyaga muri risangi hamwe n’abandi baba kure y’ico kiyaga baraharonkera akarusho.Ni muri iyo ntumbero hariko haraba inama kuva kuri uyu wa 16 gushika kuwa 19 mukakaro i bujumbura,umurwa mukuru w’igihugu c’uburundi.Iyo nama ikaba yitabwe n’ abashikiranganji bajejwe igisata c’amazi hamwe n’ibidukikije .Iyo nama ikaba izo kwiga ku vyerekeye umugambi w’amazi,isuku hamwe n’ibidukikije mu kiyaga tanganyika.

Epimaque Murengerantwari ,umunyabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amazi,ibidukikije ,hamwe no gutunganya bisagara yamenyesheje ko uwo mugambi uje hageze.Kuko uje kwerekana akamaro k’umwe umwe wese mu guterera inguvu mu kugira ivyo binyabuzima biba mu kiyaga Tanganyika bibeho neza..

Yamenyesheje ko uwo mugambi ujejwe guteza imbere uko abanyagihugu babayeho hamwe guteza imbere inyubakwa rusangi ,kugabanya ubukene ,kugabanya urugero ivyuka vyonona ibidukikije hamwe no guteza imbere imigenderanire hamwe n’akarere kari ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika.
.
Mu mwanya wa mbere ,uwo mugambi uzoshimikira cane ku bikorwa vyongereza ubushobozi kugira bahuze ama Leta ukuntu asanzwe akora ,kwongereza ubushobozi bwo gutsimbataza intwaro hamwe no guteza imbere uburyo bwo gukingira ibidukikije haba mu gihugu c’uburundi canke mu karere.

Uburundi bukaba bwiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira bashobore kumenya ingene bakinga ivyo vyonona ibidukikije atari mu gisagara ca bujumbu gusa no mu bisagara bindi kugira bakingire ibinyabuzima biba mu mazi.Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 16 mukakaro hakaba haratangujwe inama iraba ivyamazi n’isuku mu karere kiyaga Tanganyika itegura iy’abashikiranganji izoba kuwa 19 mukakaro 2013.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.