Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Christophe Nduwarugira "Lucio" yasezeye umurwi wiwe wa Lydia Ludic (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Christophe Nduwarugira "Lucio" yasezeye umurwi wiwe wa Lydia Ludic (...)

Christophe Nduwarugira "Lucio" yasezeye umurwi wiwe wa Lydia Ludic Academic

lundi 3 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’inkino za CHAN 2014, igihugu c’Uburundi cari citavye ubwa mbere, bamwe mu bakinyi bari mu murwi w’Intamba mu Rugamba bari baserukiye Uburundi baraguzwe n’ibindi bihugu, bamwe muribo bakaba baramaze guheza n’amasezerano.

Abakinyi baserukiye Uburundi mu mahiganwa ya CHAN batowe mu mirwi itandukaknye yo mu Burundi. Muri abo bakinyi bari mu gihugu ca Afrika y’epfo, 5 muribo baciye bagomwa n’ibindi bihugu, aho banaciye bagirana amasezerano y’ubuguzi.
Nduwarugira Christophe yahora akina mu murwi wa Lydia Ludic Academic aho yambara inomero 6, yasezeye uwo murwi wiwe. Aherutse kugirana amasezerano y’umwaka umwe «une année» n’umurwi «Ciputo» uri ku murwa mukuru Maputo, mu gihugu ca Mozambike, ukina mu cicaro ca mbere.

Nduwarugira Christophe yagomwe mu nkino za CECAFA zabereye mu gihugu ca Kenya, basubiye kumubona muri CHAN bati :«Ntitumusiga». Amasezerano yaraheze, vyose hasigaye ko yurira indege. Avuga ati : «Numva umunezero cane kuko indoto zanje zibaye ukuri, kuva nkiri muto nkina umupira naripfuza gushika kuri iyi ntambwe».

Tumubajije ko asize ikibanza kigaragara muri Lydia Ludic Academic, Nduwarugira avuga ati :«Aho mvuye hazoja abandi, naje nagiye mu kibanza cahoramwo abandi kandi». Abarundi bati : «Uworera yorera ibikura». Umurwi yaramazemwo imyaka 3 arawushimira ku bumenyi n’imigisha yawukuyemwo. Ivyo Christophe batazira Lucio abivuga mu gihe azokwurira indege ku munsi w’ejo kuwa kabiri, igenekerezo rya 04 Ruhuhuma, agana i Maputo muri Mozambike.

Abandi bakinyi bamaze kumenyekana ko basezeye imirwi yabo ni :- Ndikumana Selemani yahora muri Vital’o agiye mu gihugu ca Albanie,

Fiston Abdullazak yahora muri Lydia Ludic Academic agiye muri Kenya,

Frederick Nsabiyumva na Célestin bahora muri Vital’o agiye mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Mwirabire ibi bitsindo, ica mbere cinjijwe na Fiston, ica kabiri Christophe, ica nyuma Selemani.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.