Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gukundana kugera muzabukuru bitera umunezero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Gukundana kugera muzabukuru bitera umunezero

Gukundana kugera muzabukuru bitera umunezero

vendredi 8 Ntwarante 2013

Kenshi na kenshi mu bihugu bitaratera imbere usanga abantu iyo bareshanije bakundana cane mu minsi canke mu myaka ya mbere babanye, uko imyaka ihera ugasanga umwe canke bompi bagenda bahindura vyinshi canke bahinduka k’urukundo.

Iyi foto rero yerekana ko uyu mutamakazi n’uyu mutama naho bageze muzabukuru bakizirikana urukundo rwabo rwo hambere, kuko biboneka ko iyo batashe baramukanije basomana ivyo bita centrale nkuko abakundana bagira, ivyo babikora bataravye imyaka bafise.

JPEG - 16.1 ko

Burya niko vyari bikwiriye kugenda mu bubakanye. igihe cose bagahora bitanaho kuko vyongereza urukundo kandi bigatuma n’urugo rukomera.

Iyo udashoboye kwitaho uwo mwubakanye igihe icarico cose mwoba mumaranye, kenshi usanga bitera ingorane zo kutiyongera k’urukundo ahubwo rugasubira inyuma.

Nimba rero ushaka ko urugo rwawe rukomera uramenya ko ukwiye kuza urafata umukunzi wawe neza umuyagisha neza, umuha umwanya ukwiriye, umubera umuhanuzi wiwe wa mbere,umwubaha ndetse n’ibindi vyose ubwirizwa gukora uhore wibuka ko umunsi murushinga mwavuzeko muzatandukanwa n’urupfu canke christo yesu agarutse.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.