Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guteba kuvyara n’ukugumbaha ni zimwe mu ngorane hagati y’ababubatse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Guteba kuvyara n’ukugumbaha ni zimwe mu ngorane hagati y’ababubatse

Guteba kuvyara n’ukugumbaha ni zimwe mu ngorane hagati y’ababubatse

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Kutamenya umurwi w’amaraso umuntu aba arimwo ni kimwe mu bituma abakenyezi bahasiga ubuzima igihe basheshe amaraso menshi bariko baribaruka ntibaronke ayo babasubiriza, hamwe n’imbanyi zikoroka bivuye kukudahuza kw’imirwi y’amaraso hagati y’abubakanye.

Mu matohoza yakozwe n’abahinga muvy’irondoka rijanye n’amagara meza, basanze ku mbanyi zose zisamwa, ibice 10 kw’ijana arizo zivuka, ibice 90 nazo kw’ijana zigakoroka.
Mu nkuru twari twabashikirije ubuherutse ku bijanye n’imirwi y’amaraso, twarerekanye igituma umuntu wese yategerezwa kuba azi umurwi w’amaraso arimwo. Ubu naho tukaba twashimye gushimangira ku nkurukizi zivuye ku kutamenya umurwi w’amaraso umuntu aba arimwo n’ama rhesus yazo.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, muganga Ndihokubwayo Georgette amenyesha ko hari ingaruka zitari nke zivuye ku kutamenya umurwi w’amaraso n’ama rhesus yayo, na cane cane ku bakenyezi bibaruka. Guteba gusama, kugumbaha inyuma yo kuvyara umwana wa mbere (sterilitée secondaire), gukoroka kw’imbanyi bikaba ari bimwe murizo nkurikizi.
Nk’akarorero, mu gihe umukenyezi ashikiwe n’ingorane zo guteba gusama canke imbanyi ziguma zikoroka atazi ico bivako, asabwa kwegera umuganga kugira barabe ingorane aho ziri. Iyo basanze ari ingorane zivuye ku mirwi y’amaraso ifatiye ku ma rhesus, ni ukuvuga ko rhesus y’umukenyezi n’iy’umufasha wiwe bidahuza, baramutera urushinge kugira ama anti corps yiwe ntagume yica urubuto rw’umwana yibungenze. Guteba gusama bigashobora kandi kuba vyova ku mbanyi nyinshi umukenyezi yakoroje akiri inkumi canke ku duheha dutwara imbuto z’umugabo twazivye.

JPEG - 54.8 ko
Muganga Ndihokubwayo Georgette, icegera c’umuyobozi w’ikigo CNTS (Centre Nationale de Transfusion Sanguine)

Kubagize naho ingorane zo kugumbaha inyuma yo kuvyara umwana wa mbere, bishobora kuterwa n’ibintu vyinshi :
Gufata imiti myinshi kw’umukenyezi mu kwirinda gusama atarabishaka, kubicafu biba bitamuhezemwo vyose mu nda igihe yibaruka umwana wa mbere, ku mbuto z’umugabo ziba zitagikomeye bivuye ku ndwara yagize ntabimenye canke kutinjirana inguvu kw’imbuto z’umugabo, kutarangura amabanga mpuzabitsina neza, canke umugabo ntashikane muri ayo mabanga, gukeha kw’imbuto z’umugabo canke kuzibura burundu, umukenyezi ntaronke izoyakira.

Muganga Ndihokubwayo ahamagarira abantu kumenya imirwi y’amaraso, gutekana haba ku mugabo canke ku mugore mu gihe bashikiwe n’ingorane zo kubura abana, birinde ko imitsi yabo yodadara kuko mu guta umutwe bishobora no gutuma ingorane zongerekana mbere n’ibihimba vy’irondoka ntibibe bigikora neza.


Mariella Bukuru

Messages

  • Urakoze muganga!Abandi birukira ivya Politique ariko wewe ndabonako uriko urafasha mu vyerekeye amagara y’abantu.Nzoza kwivuza iwawe umbwire uko nobigenza mu kurangura amabanga y’abubatse!

  • ndabaza ngo kwikinisha kwigitsina gabo canke kwigitsina gore mumyaka myinshi canke igihe kinini ukinisha igitsina ngovyoba bituma utovyara umwana?inyishu murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.